Accueil > Ubuhinga bwa none > Lumitel > Idagadure kuri Facebook na terefone ya 2G ya Lumitel
Idagadure kuri Facebook na terefone ya 2G ya Lumitel
lundi 11 Nyakanga 2017, par
Mugezweho banwanyi b’umuhora wa Lumitel, kuko ishirahamwe ryanyu ridahengesha gukora kugira rinezereze abakunzi baryo, aho ubu babazaniye uburyo bushasha bwa Facebook USSD, buha akaryo n’abanwanyi bakoresha udu telefone duto twa 2G gushobora gukoresha ubuhinga bugezweho, mu gukurikira amakuru y’incuti n’abagenzi, bari hafi canke kure biciye ku muhora wa Facebook.
Wahora wipfuza kuja ku gihe, ata makuru agusiga ? Wibwira ko bishobokera abanwanyi bafise ama telefone agezweho gusa? Vyahindutse munwanyi w’ishirahamwe Lumitel, kuko n’uwukoresha aga telephone gato ka 2G agiye gushobora kwidagadura ku rubuga rwa Facebook.
Kugira mutangure gukoresha ubwo buhinga bushasha : fyonda *325# hanyuma muhitemwo 1, umunwanyi aca aronka ubutumwa bumusaba kwemeza ko yipfuza gutangura gukoresha ico gisata.
Kugira umunwanyi aje ku rubuga rwa Facebook, afyonda *325# hanyuma agahitamwo 1. Mu nyuma araheza agashiramwo izina yipfuza gukoresha ku rubuga rwa Facebook n’akanyegezwabanga kiwe, gutyo akabona gutangura gukoresha ico gisata.
Ugukoresha ico gisata bigatwara amafaranga 30 gusa ku munsi (30Frs Bu par Jour).
IGIHE