IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Igihano c’ugupfungwa imyaka ibiri kigiye gusubirizwa ibikorwa (...)

Igihano c’ugupfungwa imyaka ibiri kigiye gusubirizwa ibikorwa vy’amaboko

lundi 30 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

Umushikiranganji w’ubutungane Aimée Laurentine Kanyana yashikirije ko zimwe mu ngingo zahinduwe kugira bashobore kugabanya abanyororo bari mu mabohero, hamwe n’izindi ngingo zikwiye kwandikwa neza.

Bimwe mu vyahinyanyuwe muri ryo tegeko mpanavyaha harimwo ko abanyororo bahora bafungwa imyaka 2 ubu bagiye gukora ibikorwa rusangi bizomara amasaha 2820 hamwe n’amasaha 240 ku bana bafise imyaka kuva kuri 15 gushika kuri 18, kugira abo bagirizwa ivyaha bacungure uwo munyororo uba utegekanijwe kuribo.

JPEG - 101 ko
Aimée Laurentine KANYANA, umushikiranganji w’ubutungane

Ibindi vyahinyanyuwe muri ryo tegeko mpanavyaha, hariho ibijanye n’abantu bakorera Reta canke amashirahamwe Reta ifisemwo umutahe. Mu gihe bazoba bagirizwa n’icaha bakoze bagikora bataraja gukorera ahandi bazokwirikiranwa n’ubutungane. N’abaporisi canke abasirikare badatanga icegeranyo c’ivyafashwe n’abo nyene bazohanwa nk’abakoze ubusuma.

Ingingo nshasha zongewe mu bigiye gufatwa nk’icaha gihanwa muri iyo nteguro y’itegeko mpanavyaha, hariho ibijanye n’inzoga zitemewe n’amategeko, icaha kijanye no kudandaza abantu. Igihano gihabwa uwafashe ku nguvu kikaba cavuye ku myaka 18 kija ku myaka 15.

Muri iyo nteguro nshasha mpanavyaha, hongewemwo kandi icaha kijanye no guhohotera ibitungwa hamwe n’abantu basegerereza mu barabara canke abakoresha abana mu gusegerereza. Ivyo vyaha bikaba bigiye guhanwa n’amategeko.

Inama nshingamateka yemeje kandi ko uwuzokwakira igiturire canke akakira amafaranga atarekuriwe, naho azoba atakiri muri ako kazi ko azohanwa n’amategeko.

Gutunga ibigwanisho bitobito bitemewe n’amategeko, navyo nyene bikaba bigiye guhanwa n’itegeko mpanavyaha.

Iyo nteguro y’itegeko mpanavyaha ikaba yemejwe ku majwi ijana kw’ijana n’abashingamateka 100 bari bitavye hamwe n’abandi 7 bari batumye.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.