Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihugu ca Koweit cirukanye uwuserukira Koreya ya Ruguru - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Igihugu ca Koweit cirukanye uwuserukira Koreya ya Ruguru

Igihugu ca Koweit cirukanye uwuserukira Koreya ya Ruguru

lundi 18 Nyakanga 2017

Igihugu ca Koweit cafashe iyo ngingo yo kwirukana uwuserukira igihugu ca Koreya ya Ruguru, mu gihe arico conyene mu karere k’abarabu cari gisigaye gifise uwuserukira ico gihugu.

Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko ata makuru avuye mu butegetsi bwa Koweit araja ahabona, ariko bamwe mu bategetsi babwiye abamenyeshamakuru ko uwo aserukira igihugu ca Koreya ya Ruguru yahawe ukwezi kumwe ngo abe yagiye, bikavugwa ko ibikogwa vy’ubuserukizi bizosubizwa hasi.

Iyo ngingo y’igihugu ca Koweit ifashwe haheze hafi indwi zibiri umutegetsi akomeye w’igihugu ca Koweit atembereye Washington.

Igihugu ca Reta Zunze ubumwe za Amerika naco casavye amakungu guhagurukira Korea ya Ruguru, kubera umugambi wayo w’ibirwanisho ruhonyanganda vya nucléaire


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.