Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igihugu ca Maroc casavye kwakira igikombe c’isi mu mwaka wa 2026 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Igihugu ca Maroc casavye kwakira igikombe c’isi mu mwaka wa 2026

Igihugu ca Maroc casavye kwakira igikombe c’isi mu mwaka wa 2026

vendredi 11 Myandagaro 2017

Igihugu ca Maroc gishikirije ico cipfuzo mu gihe wari umunsi wa nyuma wo kubishikiriza imbere y’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe umupira w’amaguru kw’isi (FIFA).

Maroc kigize igihugu ca kabiri mu gushikiriza ko cokwakira inkino z’igikombe c’isi mu mwaka wa 2026 inyuma y’aho igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika,igihugu ca Canada hamwe n’igihugu ca Mexique bishikirije ku musi umwe ko vyipfuza kwakira izo nkino mu kwezi kwa ndamukiza 2017.

Mwomenya ko ibaye incuro ya gatanu igihugu ca Maroc gisaba ko cokwakira igikombe c’isi yose, inyuma y’umwaka w’i 1994,1998,2006 na 2010,igihugu kizokwemererwa kwakira iryo higanwa kikazomenyekana igenekerezo rya 13 ruheshi umwaka wa 2018 ,umunsi umwe gusa imbere y’uko ihiganwa ry’igikombe c’isi co mu mwaka wa 2018 kizobera mu Burusiya gitangure.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.