Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ikigo c’abafaransa mu Burundi catunganije ivyigwa ku banyeshuri bari mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ikigo c’abafaransa mu Burundi catunganije ivyigwa ku banyeshuri bari mu (...)

Ikigo c’abafaransa mu Burundi catunganije ivyigwa ku banyeshuri bari mu buruhuko

mardi 20 Ruheshi 2017

Mw’itangazo ry’ikigo c’abafaransa mu Burundi, ico kigo kimenyesha ko catunganije ibikorwa bifasha abanyeshuri bari mu buruhuko kuruhurira umutwe hamwe no kwongereza ubumenyi biciye mu rurimi rw’igifaransa.

Ikigo c’abafaransa mu Burundi kimenyesha ko abana bafise imyaka iri hagati y’6 na 12 bazobandanya kwongereza ubumenyi mu gusoma, kuvuga no gukoresha amajambo y’ururimi rw’igifaransa, biciye mu migani, amareresi n’udukino turi mu rurimi rw’igifaransa.

Muri iryo tangazo kandi, ikigo c’abafaransa mu Burundi kimenyesha ko ku bana bafise imyaka iri hagati ya 13 na 15 ibikorwa bizoshingira ahanini ku kwandika, ku nsiguro y’amajambo n’ingene amajambo akoreshwa mu mvugo no mu nyandiko, hamwe no ku mareresi.

Ku banyeshuri bafise imyaka 16 n’iyirenga, ikigo c’abafaransa mu Burundi kimenyesha ko babateguriye urutonde rudasanzwe ruzobafasha mu kwandika no gusoma ururimi rw’igifaransa, bikazobafasha mu gihe c’ishuri.

Muri uwo mwanya w’uburuhuko, ikigo c’abafaransa mu Burundi kirategekanya kandi ibindi bikorwa bijanye n’utugenegene nko gucapa no kwiga gukina amareresi.

Ibijanye n’ibiciro, ku biga ururimi rw’igifaransa ni 80000 vy’amarundi ku masaha 27, ku biga ibijanye n’amareresi ni 15000 ku masaha 18, ku biga ururimi rw’igifaransa n’amareresi bariha amafaranga 85000 vy’amarundi bakiga ivyigwa 24, mu gihe kwiyandikisha ari amafaranga 10000 vy’amarundi ku wukoresha ikarata isanzwe, n’amafaranga 15000 vy’amarundi ku wukoresha ikarata bita "Plus".

Ibikorwa vyo kwiyandikisha vyaramaze gutangura, bikaba bizohera kw’igenekerezo rya 4 Mukakaro 2017.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.