Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Igikorwa co guhinyanyura ibwirizwa nshingiro gitegerezwa kwitonderwa’’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Igikorwa co guhinyanyura ibwirizwa nshingiro gitegerezwa kwitonderwa’’

’’Igikorwa co guhinyanyura ibwirizwa nshingiro gitegerezwa kwitonderwa’’

mardi 3 Gitugutu 2017

Mu kiganiro caremeshejwe n’abavugizi b’inzego za Reta kuwa gatanu igenekerezo rya 29 Nyakanga 2017 ,ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi,Jean Claude KARERWA NDENZAKO avuga ko ibwirizwa nshingiro ariryo tegeko ritwara ayandi yose arico gituma ritegerezwa kwitonderwa.

Jean Claude KARERWA NDENZAKO avuga ko imirwi yose yashizwe mu gikorwa co guhinyanyura ibwirizwa nshingiro ariko ko hari bamwe banse kuja muri ico gikorwa ku mvo zitandukanye.

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu amenyesha ko mu bikorwa bizokurikira inyuma y’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2017 ,uwo murwi uzoca urishikiriza Reta iyo nayo irirungike mu banyagihugu, nkuko biba no kugira ryemezwe ubwa mbere.

Mwomenya ko umurwi ujejwe guhinyanyura ibwirizwa nshingiro wongewe ikiringo co gukora, kiva kw’igenekerezo rya 15 nyakanga gushika kw’igenekerezo rya 15 Munyonyo 2017.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.