Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Igikorwa co kwiyamamaza cagenze neza cane’’-Pierre Claver NDAYICARIYE
’’Igikorwa co kwiyamamaza cagenze neza cane’’-Pierre Claver NDAYICARIYE
mardi 15 mai 2018
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Rusama 2018, Pierre Claver NDAYICARIYE, avuga ko amatora y’ibwirizwa nshingiro atandukanye n’ayandi, kuko muri ayo matota atari uguhiganirwa ibibanza, ariko ari ukwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro.
Pierre Claver NDAYICARIYE arongoye umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI, avuga ko bisunze uko imyiyamamazo yagenze mu gihugu cose, vyerekana ko urugero igihugu c’Uburundi kigezeko mu bijanye n’intwaro rusangi ari urugero rushimishije.
Afatiye ku kungene imyiyamamazo y’amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro, haba ku ruhande rw’abigisha gutora Ego canke abigisha gutora Oya yabaye, amenyesha ko biboneka ko n’amatora nyezina azogenda neza.
Umukuru w’umurwi CENI, avuga ko abagomvye gushamirana baba ari abarengeje isaha icumi na zibiri bakivuza umuziki, ariko ko nibagira umwiherero bagasuzuma bazobona ahabaye ukwihenda.
Amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro ategekanijwe kuwa kane igenekerezo rya 17 Rusama 2018.
MUGISHA Van Naris