Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igipolisi kirahagurukiye amabi akorerwa abagore n’abakobwa - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Igipolisi kirahagurukiye amabi akorerwa abagore n’abakobwa

Igipolisi kirahagurukiye amabi akorerwa abagore n’abakobwa

mercredi 21 Munyonyo 2012

Kuva italike 27 gushika 28 z’uku kwezi kwa Munyonyo, hazokoranira i Bujumbura inama mpuzamakungu igira kabiri yo kurabira hamwe uruhara rw’abapolisi n’abasirikare mu kurwanya amabi afatiye ku gitsina akorerwa abagore muri Afirika n’ahandi. Mu Burundi ayo mabi yariraye.

Mu mwaka w’2010, kuva mu kwezi kwa Nzero gushika muri Gitugutu, amashirahamwe agwanira uburenganzira bw’abagore yaharuye abagore barenga 1800 bakubaguwe harimwo n’abafashwe ku nguvu. Ishirahamwe Ligue ITEKA riharanira agateka ka zina muntu rivuga ko kuva mu mwaka w’2008, uko ukwezi gutashe, abagore batari munsi ya 120 bakubagurwa, n’ayo mu mwaka w’2004 ryaharuye abarenga 1670 basinzikarijwe ubuzima. Irindi shirahamwe ry’abakenyezi ADDF ryaharuye mu mwaka w’2008 abagore barenga 3000 bakorewe amabi afatiye ku gitsina.

Ayo mashirahamwe yose avuga ko ivyo biharuro biteye ubwoba. Ikibituma ahanini ngo ni imico n’imigenzo ibuza abakenyezi kuvuga ivyabashikiye mu ngo zabo hamwe rero n’ingeso yo kubashurashuza ku nguvu.

JPEG - 35.1 ko

Ababikora ahanini ngo ni abagabo babo mu ngo, abasirikare n’abapolisi, abigisha bakubagura canke bafata ku nguvu abanyeshuri bigisha, abakozi bo mu nzu bafata abana bareze, abakoresha bahohotera abakozi babo n’abandi.

Ayo mashirahamwe yemeza ko inkurikizi mbi ari nyinshi ku buzima bw’uwakubaguwe canke yafashwe ku nguvu kuko aca acika nk’igitabwa mu muryango, abanyeshure nabo bagaheba kwiga.

Kugirango abegwa nico kibazo bose baterere kugira gukubagura abakenyezi bihere, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryarateguye inama igira kabiri izobera i Bujumbura mu ndwi iza yo kurabira hamwe uruhara rw’igipolisi mu kurwanya ayo mabi. Inama ya mbere yaheruka kubera i Kigali mu Rwanda.

Umuyobozi w’igipolisi kijejwe gukingira abanyagihugu [Police de protection civile] Fabien Ndayishimiye aremera ko igipolisi gifise uruhara mu kurwanya amabi akorerwa abakenyezi naho rimwe rimwe gitungwa agatoke n’abanyagihugu. Avuga ko bagiye kugwiza inyigisho kugira abapolisi bahimirizwe mu kurwanya ayo mabi.

Kugira ngo abamenyeshamakuru bashobore kufasha kurwanya ayo mabi akorerwa abakenyezi, igisata ca ONU kijejwe abakenyezi UNIFEM catunganije kuri uyu wa gatatu inyigisho zabagenewe. Abahinga bose bashikirijwe ivyigwa bamenyesha ko ayo mabi abandanya yiyongera kubera cane cane ukudahana bikwiye abagirizwa ivyo vyaha. Ikindi naco ngo n’uko abakenyezi canke abakobwa bakorewe ayo mabi batinya kwitwara mu butungane canke mu gipolisi.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.