Accueil > Amakuru > umutekano > Igiporisi c’Uburundi cahagaritse abagirizwa Gerenade yatewe mu (...)
Igiporisi c’Uburundi cahagaritse abagirizwa Gerenade yatewe mu Bwiza
jeudi 27 Mukakaro 2017
Iyo gerenade yari yatewe mw’ijoro ryo kuw’Imana igenekerezo rya 16 Mukakaro 2017,nk’isha zibiri z’ijoro ku bunywero bita ku banjandarume,buri kw’ibarabara rya 2 rya zone Bwiza ,ikomeretsa abantu indwi.
Umuvugizi w’igiporisi yamenyesheje ko uwateye gerenade yirutse ariko arahunga aca asiga muri ico kibanza imodoka yarimwo.
- Pierre NKURIKIYE,umuvugizi w’igiporisi
Ikinyamakuru IGIHE kimuhamagaye kuri uno wa kane igenekerezo rya 27 Mukakaro 2017 kugira atubwire ibijanye n’abafashwe,umuvugizi w’igiporisi yavuze ko arindiriye kugira abajejwe amatohoza baheze gukora amatohoza, bamuhaye icegeranyo ace atanga umwidondoro n’ikibanza bafatiwemwo.
MUGISHA Van Naris