Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Igiporisi casibije ibirori vy’abahuza ibitsina babisangiye muri (...)
Igiporisi casibije ibirori vy’abahuza ibitsina babisangiye muri Uganda
dimanche 25 Nyakanga 2016, par
Igiporisi ca Uganda cahagaritse ibirori vy’abagabo bahuza ibitsina babisangiye, ibirori vyari bitegekanijwe kubera ahantu habiri hatandukanye hafi n’umurwa mukuru Kampala, kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 24 Nyakanga 2016.
Frank Mugisha, umwe mu baharanira uburenganzira bw’abaryamana bahuje ibitsina muri Uganda, yavuze ko abahuza ibitsina babisangiye barenga 100 bagerageje kwitaba ivyo birori vyari kubera i Entebbe ku kiyaga ca Victoria, ariko babuzwa n’igiporisi cabagendeye inyuma mu modoka, ico giporisi gica kiburiza bose muri iyo modoka, basubizwa i Kampala.
Inyuma y’ukwurizwa imiduga y’igiporisi bakabuzwa kwinjira i Entebbe, abo bagabo bahuza ibitsina babisangiye baciye bategura gukorera ivyo birori vyabo mu kandi gace, ariko naho nyene bahashitse bakaba basanze abaporisi bahugarije, basubira kwirukanwa.
Bubaye ubugira kabiri abagabo bahuza ibitsina babisangiye muri Uganda bategura guhurira hamwe mu birori basangira umunezero, ariko abajejwe umutekano bakabatesha. Ku ncuro ya mbere hari mu kwezi kw’umunani uwu mwaka, ico gihe abaporisi bakaba babataye muri yompi bose.
Bimeze gutyo mu gihe hari haheze imyaka ine ibirori nk’ivyo vy’abahuza ibitsina babisangiye bitegurwa, kandi bikaba ata ntambamyi y’abajejwe umutekano ibayeho, nk’uku vyabaye muri uwu mwaka w’2016.
IGIHE
Messages
25 Nyakanga 2016, 17:31, par Harmasi
EREGAYEMWE,ABANTU,DUSIGAYE,DUSUMBWA,NUDUKOKO,MANA,RABA,ICOWOKORERA,ABANTUMWENABO
25 Nyakanga 2016, 18:16, par EGIDE
NIVYIBARA KUBONA BAHUZIBITSINA BABISANGIYE.
25 Nyakanga 2016, 20:18, par ARENE
nibabareke ntibakomeye nabapfu bapfuye kera bahagaze
25 Nyakanga 2016, 21:19, par Amos
None Icogiporisi Kivugangwiki
26 Nyakanga 2016, 05:58, par nzeyimana donatien
tur mumis yiherez abihebey imana musenge kugir ntitugwe mumosha mabi ahand ho twohona nka babironi
26 Nyakanga 2016, 21:00, par Niyibigira Nahayo
Icojewenotererakurikinoc’iyumvr Nagirampanure Abobantubahuza Ibitsinabakabireka
27 Nyakanga 2016, 06:13, par Mpozamarira Erias
Ndashimiye icogi porisi cawuganda icogikorwa ciza bacoze cokuburizamwo ivyo bihumane vya bagabo, ahubwo iyo bafatwa bagatabwa mumpimba bose. sodoma nagomora hagizivyago kubwivyaha vyahakorerwa, harimwo nicocaha cabagabo kubagabo. nimusome Itanguriro 19:1-20 roti ybabwiye ata ndabahereza abakobwa banje ntibarigera baryamana nicitwa umugabo mubakoze icomugomba, atekaye twigombera abo bagabo! iherezo hatibutse umuriro utikiza abomuricogisagara bose, kuko abo bitwa ibihumane imbere Y"Imana.
27 Nyakanga 2016, 20:25, par Sinzinkayo elnste
Mbega Yemwe Abobasazi Bahagarikirw Nishenger Irihe?
29 Nyakanga 2016, 18:06, par Alfred
Ereg Nicagih Ciherez Ah .Abasangiy Ibitsina Bubakana!Imana Nigiricikoz.