Accueil > Amakuru > Ubutungane > Igiporisi kiremeza ifatwa ry’umurwizatunga Gédéon GIHAGA
Igiporisi kiremeza ifatwa ry’umurwizatunga Gédéon GIHAGA
vendredi 30 Nyakanga 2016, par
Umurwizatunga Gédéon GIHAGA apfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura kuva ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu. Yagirizwa ivyaha bibiri.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE aremeza iryo fatwa hamwe n’ipfungwa rya Gédéon GIHAGA, akamenyesha ko uwo murwizatunga yagirizwa ugutanga igiturire hamwe n’ukugerageza kwica umuntu (Corruption et tentative d’assassinat).
- Umurwizatunga Gédéon GIHAGA
Mu muryango w’umurwizatunga Gédéon GIHAGA basaba ko bohabwa uburenganzira bw’ukubonana hamwe n’ukugemurira uwo mutama w’imyaka 74, bagasaba ko umutekano wiwe wokingirwa.
IGIHE
Messages
30 Nyakanga 2016, 11:44, par Musaga
Hhaahh irementanya.com, ngo corruption?u Burundi nico gihugu cambere kiri corrompu hama ngo ngw’iki?aho ntiyoba yarajabutse mu Rwanda akaba arico azira?
30 Nyakanga 2016, 23:20, par alia
ubundi iyu muntu amenyekanye abesha munyuma naho yovuga ukuri ntikwemerwa ivyo rero bishobora kuba aribyo nkurikiye yamu rementanirije kuko tura bimenyereye
1er Gitugutu 2016, 07:04, par morodikayi.
Aba DD ukobakora kurazwi, ntamuntu yi fitiye agahera yobabanaho amahoro !batagerezwa gukora irementanya ukobishoboka,kugira baronke inzira yokumurirako utwiwe babanje kumuta mugasho. ukobakora kera bakiri mwishamba muravyibagiye? bazirana numuntu yi twa kwatunze agahera canke inka, baramwimba niyoyihavye ivyo bamuremeka ntivyabura. nuwo mutama icobamuronderako kiriho, barondera amahera ,nubuzima bwiwe.
1er Gitugutu 2016, 22:34, par Christian
Yarabimyamahera Kibamenye Hakirikare Nibemere Banyagwe Ntwibanire Ayobivye Nimenchi Ntibarayamara Ariko Buca Abaherana
5 Gitugutu 2016, 19:20, par GITEGA
ARI MUMAKOSA NIBAMUHANE BIKWIYE CANEGOSE MUGABO BARABE NTIBAMURENGENYE OK
5 Gitugutu 2016, 20:37
Arimumakosa Akwiye Guhanwa.
Ariko Bamuhane Bakurikij Amategeko.
Igiturire Numwasi Witerambere Benabo Bakwiy Guhanwa Vyakarorero.