Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Igisata kijejwe kudandaza igitoro kirahumuriza ko igitoro kigiye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Igisata kijejwe kudandaza igitoro kirahumuriza ko igitoro kigiye (...)

Igisata kijejwe kudandaza igitoro kirahumuriza ko igitoro kigiye kuboneka

mercredi 4 Gitugutu 2017

Umukuru w’ico gisata amenyesha ko ibura ry’igitoro ryavuye ku buhinga bushasha “Territoire douanier unique” busigaye bukoreshwa mu bijanye n’urudandazwa muri Africa y’ubuseruko. Uburundi bukaba buherutse gushira igitoro ku rutonde rw’ibidandazwa bitegerezwa kugengwa n’ubwo buhinga.

Ubwo buhinga bukaba bushingiye ku bijanye n’impapuro zituma ibidandazwa biva ku kivuko bigana igihugu co muri Africa y’ubuseruko.

Abadandaza bategerezwa kuronka izo mpapuro aha mu Burundi, izo mpapuro zigaheza zikarungikwa mu gihugu ca Tanzaniya mu gisagara ca Dar-Es Salaam ahasanzwe hari ikivuko.

Ukutamenyera ubwo buhinga n’ukwo guhanahana izo mpapuro ziva mu Burundi zija i Dar Es Salaam vyatumye imiduga yagenewe kuzana igitoro I Dar Es Salaam iteba kugaruka, nk’uko vyemezwa na Daniel MPITABAKANA, umuyobozi mukuru ajejwe ibijanye n’igitoro.

Uwo muyobozi mukuru w’ico gisata akaba ahumuriza abakenera igitoro ko ico kibazo kigiye gutorerwa inyishu.


Huguette NKURUNZIZA

Messages

  • Guhanahana impapuro bisaba ubuhinga ubwahe? Mu Burundi nta ma faxes bakoresha? Impapuro umuntu arashobora kuzirungika akoresheje inyabwonko. Kuri jewe iyo nsiguro ntifashe na gato.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.