IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Ikibazo c’ukwinjira mu mashure y’akarorero kizokorerwa muma komine (...)

Ikibazo c’ukwinjira mu mashure y’akarorero kizokorerwa muma komine yose

jeudi 24 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Amashure y’akarorero yatanguye mu mwaka w’ishure w’2016, abayatanguyemwo akaba ari abanyeshure babaye aba mbere mu myaka ya gatandatu mu mashure yose yo mu gihugu c’Uburundi. Abashingamateka b’Uburundi basavye ko ico gitigiri cokwongerezwa, ubushikiranganji bw’indero bukaba bwaciye bufata ingingo ko abokora ico kibazo boba ari abanyeshure batatu ba mbere mu ywaka wa gatandatu.

Abayobozi bajejwe ivy’indero bari basabwe kurungika amazina ya batatu ba mbere mu myaka ya gatandatu y’amashure yose.

Ikibazo kizokorerwa muma komine yose

Mu mwaka uheze cari cabereye ku mirwa mikuru y’intara, ariko ubu kikaba kizobera muma komine yose agize igihugu c’Uburundi, ku munsi wa gatatu igenekerezo rya 30 Myandagaro 2017.

Abavyeyi basabwa gutegekanya ingene abana babo bazokwiyunguruza hamwe n’ingene bazofungura.

Mu mwaka uheze, ubushikiranganji bw’indero, amashure ya Kaminuza n’ubushakashatsi bwari bwategekanije amafaranga y’ukwiyunguruza ku banyeshure bakoze ico kibazo.

Amashure atandatu y’akarorero yashizweho mu Burundi ni Lycée Musenyi y’i Ngozi, Lycée Kiremba y’i Bururi, Lycée Notre Dame de la Sagesse yo mu ntara ya Gitega, Lycée Rusengo yo mu ntara ya Ruyigi, Lycée Saint Marc yo mu Ngagara hamwe na Lycée Ngagara yo mu Ngagara nyene, mu gisagara ca Bujumbura.

Amashure azokwakira yisunze intara ziyegereye

Umushikiranganji Janviere NDIRAHISHA yamenyesheje ko mu buraruko bw’igihugu, abanyeshure bo mu ntara za Ngozi, Kayanza, Kirundo na Muyinga, bazokwiga kw’ishure rya Lycée Musenyi mu ntara ya Ngozi.

Abanyeshure bo hagati mu gihugu, mu ntara za Gitega, Karusi, Mwaro na Muramvya bazokwiga kw’ishure rya Lycée Notre Dame de la Sagesse riri mu ntara ya Gitega.

Abanyeshure bo mu bumanuko bw’igihugu mu ntara za Rumonge, Bururi na Makamba, bazokwiga kuri Lycée Kiremba iri mu ntara ya Bururi.

Abanyeshure bo mu burengero mu ntara za Bujumbura, igisagara ca Bujumbura, Bubanza, hamwe na Cibitoke bazokwiga mu mashure abiri : Lycée Saint Marc iri mu Ngagara, hamwe na Lycée Ngagara iri mu Ngagara nyene, mu gisagara ca Bujumbura.

Umushikiranganji yasiguye aho ko amashure abo mu burengero bahawe amashure ari abiri ku mvo z’ibitigiri binini vy’amashure ari muri ako karere.

Abanyeshure bo mu buseruko mu ntara za Ruyigi, Cankuzo na Rutana, bazokwiga kw’ishure rya Lycée Rusengo riri mu ntara ya Ruyigi.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.