Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
’’Ikiringo co kwandika abazokwitaba amatora ntikizokwongerezwa’’-CENI - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > ’’Ikiringo co kwandika abazokwitaba amatora ntikizokwongerezwa’’-CENI

’’Ikiringo co kwandika abazokwitaba amatora ntikizokwongerezwa’’-CENI

vendredi 16 février 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2018, umukuru w’umurwi CENI ,Pierre Claver NDAYICARIYE yamenyesheje ko ico gikorwa kizohagarara kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma 2018 igihe c’isaha cumi n’imwe n’inusu z’umugoroba .

Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko igitigiri c’abamaze kwandikwa gushika kur’uyu wa kane igenekerezo rya 15 Ruhuhma 2018 gishimishije, aho abari bamaze kwandikwa bangana n’abantu 4.105.481 bagizwe n’abagabo 1.995.236 hamwe n’abogore 2.110.245.

Uwo arongoye umurwi CENI yavuze ko abamaze kwandikwa bangana n’ibice 92,2 kw’ijana vy’abari bitezwe .

Umukuru w’umurwi CENI yamenyesheje ko abari bamaze kwandikwa gushika kur’ur’uno wa kane igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2018,ku buserukizi butandukanye bw’igihugu c’Uburundi mu bihugu bitandukanye bashika 2.659, nayo mu gihugu ca Centre Afrique hamaze kwandikwa abashika 782.

Ku bijanye n’abantu bakirondera ikarata karangamuntu kugira bazoze kwiyandikisha ,Pierre Claver NDAYICARIYE yishuye ati :“Baza kurondera karangamuntu buca twugara kwandika ?Murakoze.

JPEG - 157.1 ko
Abagize umurwi w’igihugu wigenga utegura amatora CENI

Pierre Claver NDAYICARIYE yavuze ko umuntu azoba yashitse ku murongo imbere y’uko isaha yo kwugara igera, abandika bategerzwa kumurindira bakamwandika,nayo abiyandikisha k’ubuserukizi bw’Uburundi bafise uburenganzira bwo kuja kwiyandikisha k’umusi w’amatora bagaca batora uwo munsi nyene.

Bitegekanijwe ko amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha azoba mu kwezi kwa Rusama 2018.


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.