Accueil > Kwidagadura > Ikoh Multiservice : Ururirimbo rwa 4 rwashizwe ahabona
Ikoh Multiservice : Ururirimbo rwa 4 rwashizwe ahabona
mardi 25 Mukakaro 2017, par
Inyuma y’amezi atandatu ibikorwa c’umugambi "U’ll Love Changes Volume2" bitangujwe, ururirimbo rwa kane rwasohotse. "U’ll Love Changes Vol2" nirwo ruririmbo rwasohowe kandi rukozwe n’abaririmvyi batatu bariko bakora muri uwo mugambi. Iryo zina ry’ururirimbo niryo kandi ryaciye rwitirwa urukurikirane rw’indirimbo zizorujamwo.
Ikoriciza Haruna aserukira Ikoh Multiservice avuga ko urwo ruririmbo ruje kandi gushimira abakunzi ba Ikoh n’umuziki ndundi ko baguma bakurikirana iyo ibikorwa bigeze.
Urwo ruririmbo rwasohotse inyuma y’izindi zakozwe n’abaririmvyi Franck Duniano, Emery Sun na Double Jay. Izo nazo ni izi zikurikira :
1. Ndakurwaye : Emery Sun,
2. Burundi Bwacu : Franck Duniano na Chany Queen,
3. Ntancike: Double Jay.
Umviriza ururirimbo U’ll Love Changes" rwaririmbwe n’abaririmvyi Emery Sun, Double Jay na Franck Duniano.
Cherif NKESHIMANA
Messages
24 Ruhuhuma 2018, 10:30, par nishimwe wizkado
UMUZIK ABARUNDI NIFUZ KO TWOWUKOR NKAKAZ