Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imbwa yatabaye umwana atarakwiza amezi atatu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Imbwa yatabaye umwana atarakwiza amezi atatu

Imbwa yatabaye umwana atarakwiza amezi atatu

dimanche 18 Munyonyo 2012

Umwana afise amezi 9 yarahatswe kwitaba Imana iyo hataba imbwa yitwa Duke yakuze cane hanyuma umuvyeyi w’uwo mwana aca arikangura aramuha ibere abona gukira.

Ni muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika aho abavyeyi b’umwana afise indwi 9 bari basohotse kwivuna akanyota hanyuma bataha agakanywa kabashitse ku munsi wa mungu uheze.

Amakuru dukesha Huffington Post atumenyesha ko nk’uko vyahora, umukenyezi Jenna n’umucance w’iwe bashize umwana w’abo mu gatanda k’iwe hanyuma nabo baca basinzira nk’abapfuye kubera urukanywa rwinshi bakamagiye, ariko bibagira kugara umuryango w’icumba. Haciye akanya gatoya, imbwa batunze yitwa Duke ariko baribarahevye kubera yari imaze imyaka myinshi, yaciye yinjira mu cumba baryamyemwo, ibonye wa mwana ariko arasambagirika agira apfe kubera yabuze impwemu, ica itangura gukuga cane yiruka mu cumba.

Abavyeyi ba wa mwana bumvise imbwa iriko irakuga baca barikangura baja kumuraba basanga hasigaye akanya gatoya ngo yitabe uwamuremye, baca baramufata, nyina aramwonsa, e nawe atabaza abaganga, gutyo umwana abona gukira kubera ubukerebutsi bw’iyo mbwa.


Niyonkuru Claver

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.