Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amakungu yasabwe gufasha guhagarika ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro mu (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Amakungu yasabwe gufasha guhagarika ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro mu (...)

Amakungu yasabwe gufasha guhagarika ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro mu Burundi

lundi 13 novembre 2017

Muri iryo kete ryateweko umukono n’uwaserukiye umugambwe FNL uri mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi,uwuserukira umugambwe UPRONA utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro hagati mu gihugu, n’uwuserukira umugambwe MRC-Rurenzangemero,iyo migambwe imenyesha ko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro rifise intumbero yo kuzimanganya amasezerano ya Arusha kandi rihonyanga amasezerano mpuzamakungu agenga agateka k’abanyagihugu na Poritike.

Iyo migambwe imenyesha ko inguvu ziriko zishirwa mu guhindura ibwirizwa nshingiro bifise intumbero yo gutuma abashingamateka n’abakenguza mateka b’umugambwe CNDD-FDD aribo bonyene bafata ingingo ku gihugu,umugambwe CNDD-FDD ariwo wonyene ufata ingingo zega igihugu mu kibanza c’abarundi bose.

Iryo kete kandi rimenyesha ko guhindura ibwirizwa nshingiro bifise intumbero yo gutuma umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA atwara igihugu ubuzima bwose, igatuma kandi ivyo kunganisha ubwoko mu ntwaro bihagarara kandi arivyo vyari vyatumye impande zose zironka ibibanza mu ntwaro.

Iyo migambwe irangiza yibutsa abarundi,abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD,akarere,ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika,n’ishirahamwe Mpuzamakungu ONU,ko amasezerano yo kugarukana amahoro n’umwumvikano hamwe n’ibwirizwa nshingiro riyakomokamwo bisashobora guhindurwa n’uruhande rumwe,uretse gusa vyagiyeho ata mwumvikano.

Umugambwe FNL uri mu runani rw’abigenga Amizero y’Abarundi, umugambwe UPRONA utemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu Gihugu,umugambwe MRC Rurenzangemero isaba migambwe isaba akarere, Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwumvisha Reta y’Uburundi kwemera kuganira n’abatavuga rumwe nayo,kugira igihugu kive mu ndyane kandi ntibitandukire akarere k’ibiyaga binini.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Amatora yo muri 2020 ntakibaye none hazitoza nde ?ko indongozi zose zaba DD ziri k’urutonde rwa CPI,erega bose barishe canke barakokeje,asha ntaho bazokwepera, ico gihe bose bazoba bari mu gasho i la Haye nka kumwe leta y’Abatabazi mu Rwanda yose yaherera muri TPIR i Arusha,fimbo chapa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.