Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imigenderanire ya Amerika n’Uburusiya igiye kunagurwa
Imigenderanire ya Amerika n’Uburusiya igiye kunagurwa
mardi 15 Munyonyo 2016, par
Ubutegetsi bwa Donald Trump, umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, bwatangaje ko mu kiganiro Trump yagiranye n’umukuru w’igihugu w’Uburusiya Vladmir Poutine, Trump yamushikirije ko arindiranye igishika kugirana imigenderanire ikomeye n’Uburusiya.
Itangazo ryasohowe n’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburusiya rimenyesha ko imigenderanire y’ivyo bihugu vyompi itari ishimishije cane, ko bategerezwa kugirana ibiganiro bishingiye ku buringanire, ukwubahana no kutinjira muri poritike y’uwundi.
Umukuru w’igihugu w’Uburusiya Vladimir Poutine yaheruka gukeza Donald Trump, umukuru w’igihugu yatowe kugira arongore Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Uburusiya bumenyesha kandi ko bwiteguye kugirana ibiganiro ku bijanye n’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu uko ari bibiri, imigenderanire izoba ikwije imyaka amajana abiri na cumi.
Kubw’Uburusiya, iyo migenderanire ibaye myiza, ingaruka ziba nziza mu bijanye n’umutekano w’ivyo bihugu vyompi.
IGIHE
Messages
15 Munyonyo 2016, 13:31, par willynshimirimana
nibakomere abobatama bose turabubaha nibirambire
15 Munyonyo 2016, 15:20, par .
Congratulations you both and us.
15 Munyonyo 2016, 16:40, par CAKIRA
TRUMP!wewe panga akarere utubohere obama, n’umuhabara wa obama clitone, na kagome numuhabara wiwe mushikiwinzanyi(mushikiwabo) uzoba ukoze wewe uri "papa americain"
15 Munyonyo 2016, 16:44, par tari
Kumbure Putin yoheba agaha agahenge abarundi aho yakabereye intambamyi yuko abarundi botabarwa mukwanka ko inteko mvamakungu ziza gutabara abarundi ahubwo agahitamwo kubandanya gushigikira uruhande rwaka ka karwi Ngo rubandanye gutikiza inganda ngiraho yoheba agahagarika ibikorwa vyiwe vyo kwivanga mubitamuraba
15 Munyonyo 2016, 17:24, par Komere
Komera kandi muce muhagarika Hitler d’Afrika Kagame amahoro asubire kuboneka mu karere k’ibiyaga binini vya Afrika
15 Munyonyo 2016, 22:24, par NDENGERABAGENZI Gabriel
Nivyiza Cane Twobasaba Ko Mwozo Kwiga Kubibazo Vyibihugu Vya Afrika Vyatotezwa Na American
16 Munyonyo 2016, 00:01, par Mujeri Nininahazwe Pacifique
Mbega ibintu byiza weee!!
17 Munyonyo 2016, 20:57, par Domitien
Imigenderanire Yamerican N’ Uburusiya Turayishimiye.