Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imirwi yaserukiye amashuri y’i Bujumbura n’ayo mu gihugu hagati yagabuye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Imirwi yaserukiye amashuri y’i Bujumbura n’ayo mu gihugu hagati yagabuye (...)

Imirwi yaserukiye amashuri y’i Bujumbura n’ayo mu gihugu hagati yagabuye ibikombe

lundi 26 mars 2018

Imirwi yatahukanye igikombe mu mupira w’amaguru ni : ETS Kamenge mu bahungu na Lycee St Basile mu bakobwa, mu mupira w’amaboko Basketball ni : Lycee du Lac Tanganyika mu bahungu na Lycee Don Bosco mu bakobwa, muri Volleyball ni Lycee Technique Saint Luc mu bahungu na Lycee Bukeye mu bakobwa, hamwe no muri Handball aho mu bahungu ari Lycee Christ Roi de Gitega na Lycee Mugara-Rumonge, mu bakobwa.

Imirwi yatsinze muri izo nkino za nyuma zabereye mu gisagara ca Bujumbura, iva mu ntara zo hagati mu gihugu, no mu gisagara ca Bujumbura, mu gihe vyari bimenyerewe ko iyo mu gisagara ca Bujumbura ariyo yahora itahukana ibikombe.

Izo nkino zabereye ku bibuga vy’ishuri nderabigisha ENS, ishure ryisumbuye ETS Kamenge, no ku bibuga vy’urukino rwa Basketball vyitiriwe Toyota, biri mu Gikungu, muri quartier ya Mutanga Nord.

Imirwi yatahukanye ibikombe muri ayo mahiganwa atunganijwe ku ncuro ya 30,yaronse uburenganzira bwo kwitaba amahiganwa y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko yiswe FEASSA,azobera mu gihugu c’Urwanda.


Oscar NDAYISHIMIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.