Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imirwi yitavye inkino za gisirikare yitezwe i Bujumbura kuri uno wa (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Imirwi yitavye inkino za gisirikare yitezwe i Bujumbura kuri uno wa (...)

Imirwi yitavye inkino za gisirikare yitezwe i Bujumbura kuri uno wa kane

jeudi 24 Myandagaro 2017

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Col Gaspard BARATUZA, yabimenyesheje abicishije ku rubuga rwiwe rwa twitter mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 24 Myandagaro 2017.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuwa mbere igenekerezo rya 21 Myandagaro 2017, Col Gaspard BARATUZA yamenyesheje ko ibihugu 5 arivyo bizokwitaba ayo mahiganwa, harimwo igihugu ca Sudani y’Ubumanuko kizokwitaba nk’indorerezi.

Bitegekanijwe ko urukino rwa mbere ruzokwugurura ihiganwa ari urukino rw’umupira w’amaguru ruzoba kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 26 Myandagaro 2017, ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko RWAGASORE, ruzohuza igihugu c’Uburundi n’igihugu ca Kenya,isaha icenda z’umuhingamo.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.