Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imirwi yo muri Afrika y’epfo na Tanzaniya ibandanya kurondera umurundi (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Imirwi yo muri Afrika y’epfo na Tanzaniya ibandanya kurondera umurundi (...)

Imirwi yo muri Afrika y’epfo na Tanzaniya ibandanya kurondera umurundi Shabani Hussein Tchabalala

jeudi 22 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Umukinyi Tchabalala yatanguye kuronderwa n’imirwi nka Free State Stars F.C na Bloemfontein Celtic F.C yo muri Afrika y’Epfo hamwe na AZAM FC yo muri Tanzania, aho akaba ari inyuma y’aho yitwaye neza mu kibuga igihe Rayon Sports umurwi asanzwe akinira wariko utana mu mitwe na Mamelodi Sundowns yo muri Afrika y’Epfo igenekerezo rya 18 Ntwarante 2018, n’aho muri urwo rukino ata ntsinzi umugwi wiwe watahukanye.

Muri urwo rukino, umukinyi Tchabalala, yarasatiriye bimwe biboneka n’aho ata gitego yaronse. Inyuma y’urwo rukino, abamenyereza b’iyo mirwi twavuze yo muri Tanzaniya na Afrika y’epfo, niho batangura kwerekana ko uwo mukinyi bashaka kumubona akinira imigwi bamenyereza.

Umukinyi Tchabalala ari mu guheza amasezerano yagiriraniye na Rayon Sports, avuga ko azova muri uwo murwi mu gihe yoronka umushahara ukwiye. Ariko amakenga aboneka muri bamwe n’abandi n’uko umurwi asanzwe akinira utanga amahera y’umushahara make cane ugereranije nayo iyo migwi imushaka itanga ku bakinyi bayo, kuko umukinyi ahembwa menshi muri Rayon Sport aronka amafaranga y’amarundi umuriyoni umwe n’ibihumbi amajana atandatu (1.600.000 Fbu) ariko muri iyo migwi imushaka ashobora kurenza imiriyoni umunani z’amarundi (8.000.000 Fbu).

Umukinyi Shaban Hussein Tchabalala yahoze akinira umurwi wa Vital’O FC imbere yo kwerekeza mu gihugu c’Urwanda, agakiniraimirwi ya Amagaju FC na Rayon Sports.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.