Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imyaka 50 irarumanye Martin Luther King agandaguwe
Imyaka 50 irarumanye Martin Luther King agandaguwe
mercredi 4 Ndamukiza 2018, par
Umupasitori afise urukoba rwirabura, Martin Luther King yagandaguwe n’abagizi ba nabi mu gihe yariko aharanira agateka k’abirabure muri ico gihugu, ndetse akaba yari afise icivugo kivuga ko « afise indoto » aho yabishikiriza imbere y’abantu bagera ku 250.000 bari mu myiyerekano i Washington igenekerezo rya 28 Myandagaro 1963.
- Martin Luther King
Martin Luther King yagandaguwe kw’igenekerezo rya 4 Ndamukiza 1968 ari mu nzu y’uburaro bw’ingenzi ya Memphis.
Mu gihe haheze iyo myaka 50 agandaguwe, Amerika ivuga ko batazigera bibagira ibikorwa vyiza yakoze vyo kurwanira agateka k’abirabure kandi bakamenyesha ko indoto ziwe zashitse kuco yipfuza naho atakibonye, kubona Amerika yaratwawe n’umwirabure, nawe akaba ari Barack OBAMA.
Callixte NDIKUMANA
Messages
5 Ndamukiza 2018, 00:01, par xx
hhh uyu mugabo nawe ntiyari mwiza kuko nawe yazinaga ninzobe (abera) upfa kuba utukura niyo wabaga waritukuje
5 Ndamukiza 2018, 00:06, par king
uyu mugabo yarimubi cyane kuko yangaga abazungu erega isura iyariyo yose cg ubwoko ubwaribwo bwose bukuyoboye neza ntacyo biba bitwaye