Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imyaka ibiri iraheze umugambwe CNDD FDD utanze izina rya Petero (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imyaka ibiri iraheze umugambwe CNDD FDD utanze izina rya Petero (...)

Imyaka ibiri iraheze umugambwe CNDD FDD utanze izina rya Petero NKURUNZIZA

mardi 25 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Imyaka ibiri iraheze umugambwe CNDD FDD wemeje Petero Nkurunziza asanzwe arongoye igihugu, ko ariwe yokwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu yari ategekanijwe kw’igenekerezo rya 26 Ruheshi 2016. Petero NKURUNZIZA yatowe n’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD-FDD ryabaye kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2015.

Iryo koraniro ryatanguye nk’igihe c’isaha zitatu n’igice, mu ngoro y’uwo mugambwe ku rwego rw’igihugu. Amasengesho,indirimbo ihayagiza igihugu n’iyihayagiza umugambwe CNDD-FDD nivyo vyuguruye iryo koraniro.

Mw’ijambo ryashikirijwe n’umukuru w’umugambwe CNDD FDD ico gihe, Pascal Nyabenda, yavuze ko uwo munsi ushitse bari bawurindiranye igishika cinshi, aca avuga ko umugambwe wifashe neza kuva ku nzego zo hasi gushika ku nzego zo hejuru, kandi ko witeguriye guhiganwa mu matora, ariko aca avuga ko hari abo bagendanye badebukiwe, abo nabo ngo baramaze gufatirwa ibihano.

Pascal Nyabenda yarangije ashimira abanywanyi b’umugambwe, kuko bigenjeje neza mu bihe vy’ibihuha, yongera ashimira abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi kuko basavye abarundi bose kwirinda akajagari.

Inama yaciye ibandaniriza mu mwiherero abamenyeshamakuru basohowe. Ariko nk’igihe c’isaha indwi n’igice, abamenyeshamakuru baciye basubira kwinjira umukuru w’umugambwe aca arashikiriza ku mugaragaro ko Petero Nkurunziza ariwe yatowe n’abitavye bose, kugira aserukire umugambwe CNDD FDD mu matora y’umukuru w’igihugu.

Abo mu migambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi bari bamaze kumenyesha ko batazokwemera ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA, kuko ku bw’abo, ukwo kwitoza kutubahirije ibwirizwa shingiro hamwe n’amasezerano y’i Arusha. Imyiyerekano y’ukwiyamiriza iyo ngingo ya CNDD FDD yaciye itangura bukeye kw’igenekerezo rya 26 Ndamukiza 2015, imyiyerekano yakurikiwe n’ukugerageza gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA kwabaye kw’igenekerezo rya 13 Rusama 2015.

Mu murwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi bamenyesha ko abantu bagera ku 720 aribo bahitanwe n’intureka Uburundi burimwo kuva mu kwezi kwa Ndamukiza 2015.


IGIHE

Messages

  • Ariko abarundi mwibagira n,ingoga!!! Kuki mutaribwigere muja mW,ibarabara aho twahora tuja twumva ngo President ni naka ,tutamutoye , atanikoraniro ryamutoye ,akoze coup d,etat gusa!!! Ntaco muba mwihisha inyuma y,amacakubiri ngo ni ibwirizwa shingiro

  • Amaze imyaka ibiri abunze mumbari kubera amafuti yiwe yoguteranya abose rimwe uwowe asumbwa nanje ndinyarucari kuko iyo ngiye kwikomine nkaha bitanu zambonerakure ziwe Ngo nibamusitanteri barantaburira lesepass nkajabuka imbibe zigihugu atankomanzi mwebwe mwabonyehe perezida muzima adasohoka igihugu ico nikimenyetso kitabesha KO nawe nyene ubwiwe yemerako ivyo yakoze nivyakora bidakorwa nibimwe bavugako inturo yikeka amabinga ntimuze musubire kwise ka muvuga ko uwo Ari perezida

  • Yes, muriko muribuka imyaka ibiri iheze Nkurunziza petero ariko aranwa amaraso ya benigihugu, ariko basha mwaramuhenze mumuta mukanga baraba asigaye yi rirwa yihavye murutara ntagitumbera nahabakuru bibihugu bakoraniye! erega risigaye aribara kumutemere.

  • Repondez par vrai ou faux : Abo barota ngo Petero nkurunziza si President none isi yose ivugako uburundi buramutswa Buyoya canke Nkurunziza?( Vrai/faux) murahumba muzotwagwa mpaka na mwisho

  • rambaramba muvyeyi wi gihugu.abakwanka batubwire ivyo baribarubatse urabisenya.imishahara waraduguje bajamwibarabara.ubabwira kwubaka amashuri mubikogwa rusangi iwabo batangura kwidodomba.iterambere numutekano kuribo bavyita ingorane.

  • komera papa wacu.Abakwanka Bazo menya iyo bazoja.Maze mushishikare ni migambi mwa vuze muyishitse maze tuzorushiriza kubakunda.KOMERA

  • eWENOERA URINAKIBI AMARASO KWERI URAYAZI URAYANWAWUMVE?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.