IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imyaka ine iraheze isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye hamwe n’ivyarimwo

Imyaka ine iraheze isoko nkuru ya Bujumbura ihiriye hamwe n’ivyarimwo

vendredi 27 Nzero 2017, par Egide NDUWIMANA

Imyaka ine iraheze isoko nkuru ya Bujumbura ihiye igatokombera mu mpanuka y’umuriro, nk’uko vyavuzwe n’igiporisi, impanuka yabaye kw’igenekerezo rya 27 Nzero 2017.

Ikibanza cahoramwo iyo soko kirangwamwo umwavu hamwe n’ibisigarira vy’ivyahiriye muri iyo soko, aho abadandaza batandukanye batakarije ubutunzi bwabo.

Umuhinga muvy’ubutunzi Domitien BIHUTE, mu cigwa yakoze ku butunzi bwari mw’isoko nkuru ya Bujumbura, yavuze ko iyo soko yahora itanga ubutunzi burenga imiriaridi 7 z’amarundi ku munsi umwe.

Amatohozwa yakozwe mu mwaka w’1992 n’abahinga muvy’ubutunzi yerekanye ko isoko nkuru ya Bujumbura yatanga amafaranga arenga umuriyaridi umwe w’amarundi ku munsi umwe. Umuhinga Domitien Bihute yakoze ayo matohoza avuga ko mu myaka 20 iheze, ubwo butunzi bwiyongereye cane.

Uwo muhinga abona ko isoku nkuru ya Bujumbura ariyo yarimwo ubutunzi bwinshi kurusha n’uburi mw’ibanki nkuru y’igihugu, kuko hariyo n’ubuzi bwinshi kandi n’ico cari ikigega ca mbere c’igihugu.

Asaba ko Reta yokora ibishoboka vyose kugira abahaburiye ivyabo bashumbushwe, n’iyo soko isubire kwubakwa, abadandaza bayikoreremwo.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.