Accueil > Amakuru > Poritike > Imyiyamamazo y’ugutora "EGO" canke "OYA" yatanguye
Imyiyamamazo y’ugutora "EGO" canke "OYA" yatanguye
mercredi 2 Rusama 2018, par
Imigambwe 26 hamwe n’urunani rw’abigenga Amizero y’Abarundi ruyobowe na RWASA Agathon.
Kuri uwu wa gatatu nyene, umugambwe UPRONA utangurira iyo myiyerekano mu ntara ya Bujumbura, wigisha gutora "EGO", Agathon Rwasa arongoye urunani muri Amizero y’Abarundi, atangurira i Ngozi yigisha gutora "OYA", umugambwe Sahwanya Frodebu nawo utangurira mu gisagara ca Bujumbura wigisha gutora "OYA"
Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yateye umukono kw’itegeko nomero 100/039 ritanga uburenganzira bw’ugutangura kwiyamamaza mu matora yimirije y’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Iryo tegeko riratomora abafise ububasha bw’ukwiyamamaza, umwanya ico gikorwa kizomara, ibibujijwe muri ico gikorwa, hamwe n’ibihano bitegekanijwe.
Ingingo ya mbere y’iryo tegeko iratomora ko abashigikiye ko ibwirizwa shingiro rihinyanyurwa bazovyerekana mu gutora "EGO", abatabishigikiye nabo bakazotora "OYA."
- Umukuru w’igihugu itanguza iyo myiyamamazo kuri uwu wa gatatu mu ntara ya Gitega
Ingingo ya kabiri y’iryo tegeko ivuga ko ukwiyamamaza mu matora y’uguhinyanyura ibwirizwa shingiro kuzotangura kw’igenekerezo rya mbere Rusama 2018 igihe c’isaha cumi na zibiri z’agatondo, umunsi wa nyuma w’ukwiyamamaza nawo akaba ari kw’igenekerezo rya 14 Rusama 2018 igihe c’isaha cumi na zibiri z’umugoroba. Iyo ngingo ya kabiri ivuga ko ukwiyamamaza inyuma y’ico kiringo kutemewe, mu ngingo ya 13 akaba ariho bavuga ko uwutazokwubahiriza iyo ngingo azohanishwa ihadabu ry’amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi amajana umunani n’imiriyoni zine.
Mu ngingo ya gatandatu, iryo tegeko rivuga ko imigambwe yose yiyamamaza hamwe n’abigenga bafise uburenganzira rw’ukuvugira mu bimenyeshamakuru vya Reta ku rugero rumwe, urwego CNC rugasabwa kugenzura iyubahirizwa ry’iryo tegeko ku migambwe yose hamwe n’abigenga biyandikishije.
Mu gikorwa nyezina c’ukwiyamamaza, ingingo ya cumi ivuga ko atawurekuriwe gutuka, gutyoza canke kurengera uwundi yaba mu majambo, canke ahandi ahariho hose. Ingingo ya 11 nayo ikaba ibuza abiyamamaza gukoresha uburyo bwa Reta. Uwuzorenga kuri iyo ngingo azohanishwa ihadabu ry’amafaranga ari hagati y’ibihumbi amajana umunani n’imiriyoni zine.
Iryo tegeko rivuga ko umuntu wese azotanga ruswa, amafaranga canke ibindi bintu kugira agure iciyumviro c’uwutora canke abatora, azohanishwa umunyororo wo kuva ku mwaka gushika ku myaka itatu n’ihadabu kuva ku bihumbi amajana umunani gushika ku miriyoni umunani, kimwe muri ivyo bihano bibiri.
Mu masaha y’akazi, ingingo ya 12 irabuza abiyamamaza gutanga impapuro ziriko ubutumwa bw’ukwiyamamaza, ubwo butumwa nyene bukaba bubujijwe gutangwa mu mashure, muri za Kaminuza, izigenga n’iza Reta. Umukozi wa Reta azofatwa ariko ariyamamaza mu masaha y’akazi, nk’uko biri mu ngingo ya 14, azohanishwa ihadabu ry’amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi amajana abiri n’ibihumbi amajana ane.
Ingingo ya 18 ari nayo ya nyuma y’iryo tegeko, imenyesha ko umurwi w’igihugu ujejwe gutegura amatora (CENI) ariwo ufise igikorwa c’ugukurikirana iyubahirizwa hamwe n’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko.
Egide NDUWIMANA
Messages
2 Rusama 2018, 10:50, par Sijui
Tora,oya Komera, Gwasa Amizero Twese,dutore Oyaaaaaaaa!
2 Rusama 2018, 12:10, par S Paul
ntaco ndabivugako!
2 Rusama 2018, 17:20, par Wily
Icubahiro ni c Imana. hazocinda Ego Ntimuhendwe buca bigira.
2 Rusama 2018, 19:15, par reka
nta democratie ihari ibi byose ni politique kugirango amahanga abone ko mu burundi hari democratie.ahhhhhh mucyezo wa ndani kbs.
2 Rusama 2018, 21:56, par MUNEZERO
TORA EGO, GOO EGO ,G0O
HAZOGERA YARI,GA,YEMWE,KWI 17
2 Rusama 2018, 21:57, par Inkona Ntiyaruzwa As
Ibwirizwa Shingiro Tuzoryemez Kk Niryac.Kand Hazotsind EGO Atacamira.
2 Rusama 2018, 22:27, par osuard
Andika hano.Ubwamber imana,niyonkururu.Kabiri ni.EGO.ntagukekeranya.
3 Rusama 2018, 09:13, par Hafsa
Gutora Ego ni ugushigikira Genocide,abazoyitora muragabe
3 Rusama 2018, 09:55, par Cedriqueniyoyitungira
Ukoryogendakose,ego Irotsinda Kuko Twebwe Imanatuyiha Ikibanza Canbere
3 Rusama 2018, 10:10, par Bowasi Nyarubanga
KOMERA MUTAMA P.NKURUNZIZA TUKURI INYUMA RWASA NAWO AKUMBUYD KUJABUKA NAGENDE ASANGE ABANDI INYARUGUSU TORA EGO
3 Rusama 2018, 17:05, par Tuyisenge Alexandre
Jewe Mpaye Niyumvira Nuko Uwogomba Yotora Ego Guko Uwuzotora Oya Azomaramara.Guko Naho Bataradusigurira Ego Turayiyumvamwo Cane.
9 Rusama 2018, 19:36, par NIZIGIYIMANA VICTOR
TWEDUTORA EGO NTAKUTWIGISHA TURABIZ AHO WADUKUYE NYAKUBAHWA PR NKURUNZIZA HORA KWIVORA