Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Integuro y’itegeko risubiramwo amasezerano y’i Paris yemejwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ibidukikije > Integuro y’itegeko risubiramwo amasezerano y’i Paris yemejwe

Integuro y’itegeko risubiramwo amasezerano y’i Paris yemejwe

mardi 31 octobre 2017

Umushikiranganji w’ibidukikije Celestin Ndayizeye yagiye gusigura iyo nteguro yamenyesheje ko iryo tegeko rizofasha igihugu kugira cifatanye n’ibindi bihugu mu kugabanya ivyuka vyarungikwa mu kirere kugira bizogabanuke gushika nk’i gihe amahinguriro atari bwabe menshi kw’isi.

Celestin Ndayizeye yagize ati : « Ihangiro ry’iri tegeko n’ukugira dushobore kugabanya ubushuhe gushika k’urugero rwa 2 nk’urugero twariko igihe amahinguriro atari bwaze kw’isi. »

Ku bijanye n’imiriro ya nyakanga yibonekeza mu gihugu,uyo mushikiranganji yavuze ko itumwa n’abungere b’ibitungwa barondera uburagiro ,abaturira amashamba kugira bashobore guhiga ibikoko hamwe n’abarimyi baturira amashamba bashaka kuyavogera kugira bayarimemwo.

Umushikiranganji Celestin Ndayizeye yashikirije ko inyigisho zamaze gutangura gutangwa kur’abo bose vyega kugira imiriro ya nyakanga bayigwanye.

Bimwe mu bigize iryo tegeko hariho ibijanye no gutera ibiti,guca imikobeko mu gisata c’uburimyi ,gukingira ibidukikije,kuraba ibijanye n’amasoko ntanganguvu, kurinda amazi hamwe no kurinda imiriro ya nyakanga.

Inama nkenguzamateka yemeje iryo tegeko ijana kw’ijana ku majwi 32 yabakenguzamateka bari bitavye hamwe n’amajwi 5 yabakenguzamateka bari batumye.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.