Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama Nshingamateka y’Uburundi yagirije FIDH gushaka guhungabanya inzego (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Inama Nshingamateka y’Uburundi yagirije FIDH gushaka guhungabanya inzego (...)

Inama Nshingamateka y’Uburundi yagirije FIDH gushaka guhungabanya inzego z’igihugu

samedi 8 Mukakaro 2017

Mw’itangazo ry’Inama Nshingamateka y’Uburundi ryasomwe n’umuvugizi wayo Alexis Badian NDAYIHIMBAZE, inama nshingamateka y’Uburundi imenyesha ko icegeranyo giheruka gusohorwa n’Ishirahamwe FIDH hari aho iryo shirahamwe ryarengeje urugero.

JPEG - 91.7 ko
Alexis Badian NDAYIHIMBAZE,umuvugizi w’inama nshingamateka y’Uburundi

Muri iryo tangazo,inama nshingamateka y’Uburundi imenyesha ko ico cegeranyo carengeje urugero,kuko ishirahamwe FIDH ryatanze ibiharuro bitari vyo, bafatiye ku vyashikirijwe n’umurwi wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi CNIDH,umushikiranganji w’ubutungane,uw’agateka ka zina muntu,uw’imigenderanire, n’uw’intwaro yo hagati mu gihugu.

Inama nshingamateka y’Uburundi imenyesha ko ku ruhande rwayo,ishima ibimaze gukorwa na Reta mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu,ubutungane,umutekano hagati mu gihugu, hamwe n’imigenderanire n’ibindi bihugu.

Mu cegeranyo c’ishirahamwe FIDH,iryo shirahamwe rimenyesha ko abantu 1200 aribo boba barishwe, abagera ku majana icenda baburirwa irengero,abarenga amajana basinzikarijwe igufa,nayo abarenga ibihumbi cumi bapfungirwa mu mabohero atandukanye.

Muri ico cegeranyo nyene,ishirahamwe FIDH ryerekanye amakenga rifise kw’itegeko ryaciye mu nama nshingamateka rivuga ko abasubijwe mu buzima busanzwe babishaka bagiye guhabwa inyigisho za gisirikare kugira igisirikare c’Uburundi kizobikoreko mu gihe bokenerwa.

JPEG - 35.5 ko
Jean Claude KARERWA NDENZAKO umuvugizi w’umukuru w’igihugu

Kuri ico cegeranyo c’ishirahamwe FIDH,mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi,Jean Claude KARERWA NDENZAKO avugira umukuru w’igihugu,yamenyesheje ko n’ibindi bihugu bifise abasirikare bakoreshwa bibaye ngombwa, ivyo bita mu rurimi rw’igifaransa "Militaires de réserve", kandi ko ishirahamwe FIDH ridafise ivyemeza vyerekana ko ari Imbonerakure za CNDD FDD zizoshirwa muri abo basirikare.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ahubwo je mbona FIDH hari ivyo yibagiye gutanga muri kirya cegeranyo kuko bavuze gusa Imbonerakure ntibavuga Interahamwe ubu aribo bica bagakiza muri A.P.I., S.N.R., no mu gipolisi. Kugira vyose bavyiyobagize, amajambo abategetsi bashikiriza imisi yose ngo ni Urwanda canke Ububuligi bibangamiye igihugu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.