Accueil > Amakuru > u Burundi > Reta iriko iriga ishirwaho rw’ihinguriro rikora amatara akoresha (...)
Reta iriko iriga ishirwaho rw’ihinguriro rikora amatara akoresha umuyagankuba muke
mercredi 14 Kigarama 2016, par
Inama nshikiranganji y’Uburundi yakoranye kuva kuri uwu wa gatatu, irongowe n’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA. Integuro z’amategeko icenda nizo zitegekanijwe kwigwa muri iyo nama izosozerwa kuri uwu wa kane.
Muri izo nteguro, harimwo iyijanye n’impinduka zokorwa mw’ishirahamwe REGIDESO, integuro y’itegeko rijanye n’ishirwaho rw’ihinguriro rikora amatara akoresha umuyagankuba muke, integuro y’itegeko rijanye n’ishirwaho ry’umurwi w’igihugu ujejwe itunganwa ry’ibikorwa bijanye n’iterambere ry’abanyagihugu mu Burundi, hamwe integuro ijanye na poritike y’igihugu ikurikirana urwaruka (kuva mu mwaka w’2016 gushika mu mwaka w’2020).
Ivyavuye muri iyo nama nshikiranganji ni mu makuru yacu yo hanyuma.
IGIHE
Messages
14 Kigarama 2016, 13:32, par Claude Bigirimana
Ariko Ivyobakora Vyos Nibageragez Batore Itegeko Ritgabaniriza Ibiciro Abenegihugu Twarushe Pee
14 Kigarama 2016, 17:09, par nzobonimpa alfred
IYONAMA NAYISHIMYE
14 Kigarama 2016, 20:07, par Sibomana Désiré
Nivyo Nihirwe Ukuntu Uburundi Bwoterimbere Na Cane Cane Urwaruka Rwo Kazoza Kejo
14 Kigarama 2016, 21:28, par mbonankira charles
turakwiye kuronka umuyagankuba ukwiye kuko vyogabanya ubushomeri kuko hogwizwa amahinguriro
15 Kigarama 2016, 07:43
Baragowe