IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshikiranganji yize ivyohinduka mu gitabu c’amategeko mpanavyaha

Inama nshikiranganji yize ivyohinduka mu gitabu c’amategeko mpanavyaha

mercredi 10 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Ibiva muri iyo nama y’abashikiranganji b’Uburundi turabibamenyesha mu makuru yacu yo hanyuma.

Tubibutse ariko ko mu mwaka uheze w’2016, kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma, umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Emmanuel NTAHOMVUKIYE yabwiye abashingamateka ko kugira ivy’ugutembagaza ubutegetsi biranduranywe n’imizi mu Burundi, Reta itegekanya guhana bikomeye abarenze amategeko ya gisirikare n’ay’igihugu.

Mu bihano bikomeye yamenyesheje ko vyohabwa abashatse gutembagaza ubutegetsi, umushikiranganji Emmanuel NTAHOMVUKIYE yabwiye abashingamateka ko harimwo igihano c’ugupfa.

Yagize ati : « Mbere hari n’umurwi uriko uriga neza ingene igihano c’ugupfa naho cakuweho mw’ibwirizwa mpanavyaha cosubizwaho ku bantu bakirota gutembagaza ubutegetsi abenegihugu bishiriyeho. »

Ku rutonde rw’abantu bazohanishwa igihano c’ugupfa, umushikiranganji w’ukwivuna abansi yashizemwo n’abazokwagirizwa icaha c’ukwica indongozi, akaba yatanze akarorero k’abagandaguye Lieutenant Général Adolphe NSHIMIRIMANA nabo bakwiye guhanishwa icaha c’ugupfa.

JPEG - 41.4 ko
Emmanuel NTAHOMVUKIYE, umushikiranganji w’ukwivuna abansi

IGIHE

Messages

  • Nibagisubizeho harigihe arico kizobokera!!! Abantu birirwa baragandagurwa n’imbonerakure, interahamwr, FDLR, API, SNR, Police nuisible pour les Burundais (PNB) na Force de destabilisation Nationale (FDN) bazosanga aribo gihereyeko hamwe naba Sebuja babatuma! Uwo muhemu Ntahomvukiye aratuma turamuzivi Makamba aborerwa nk’umurovyi hamwe na 12th Avenue Nyakabiga II aborerwa agenda ararira, adododora kumazu atabamwo yataye Azmit! Shame on DD

  • Subizaho igihano co Gupfa n,aba Pacifique Baturiye abantu kibakoreko!!! Kandi ndabinginze uwuzofatwa yishe umuntu uwo ariwe wese mutaravye ikintu na kimwe nawe yicwe nikwo n,Imana yari yarabwiye ab,isirayeli. Mwige kandi ko n,uwofatwa ateye grenade canke arashe umuntu mutitayeho uwarashwe atapfuye uwo nawe yicwe . Umusuma yiba afise kigwanisho yicwe gutyo bazogira ico batinya!!!!!mwibukeko ngo n,abatemera Leta bayihora ko ngo yababujije guturira abantu, kandi igizwe n,amoko yoose kuko ngo baripfuza kwagiriza Leta genocide none vyabayobeye kuko igizwe n,amoko yose uwo muzofata akoze ishano ryo kwica mwabo nawe ntabeho yumve ingene gupfakara canke kuba impfuvyi bibabaza!!!

  • mutama yaba vyashoboka nari kukugurira icupa peee unshitse kumutima.nabibisha ibigwanisho nokwica abandi mu bubakire agasho katarenza50cm muburebure.mubwaguke katarenza metero1 na30. uwuzomarayo imyaka mumuciriye agasoka ntazifuza kandi nogukora kukigwanisho canke ngoyiguze ivyamurundi.mwibuke komuserukira abarundi kugira mubakingire.not kwubahiriza amategeko mpuzamakungu amwamwe usanga akingira inkozi zikibi.nibijanye nikigogwe cumukuru wigihugu ntikigirigwe uwafatanwe ikigwanisho agifise canke akibitse ataruhusha abifitiye.imyaka10 tuzoba dufise igihugu ciza kirimwo abubaha indongozi nabatinya gukorakora ivyabandi.

  • Ndashigikiye% Ko Uwishuwundi Namanyama Niyicwe Ndasubiyemwo Itegeko Nirijeho Uwishuwundi Namanyama Niyicwe Ukudahana Niko Gutumye Ivyaha Bitagacnuka Muburundi Mwibuke Aho Domisiyano Yarikubutegetsi Banyeshure Bigitega Biga Kuri Atene Bamazekwica Umureziwabo Baciye Bahanishwa Kwicwa Ubwicanyi Muburundi Buca Buragacnuka Nubu Nibimerenkakurya Domisiyano Ndayizeye Yabigize Uwishwe Niyicwe

  • Iciyumviro dagikunze namwenebarya baturiye abantu bocabafatwa nicogihano, kuko bakoze ibidakwiye gukorwa.

  • aba bantu bashigikiy ng igihano kigarukanwe ntibibuka iyo twavuye mbega abo muvuga ko baturiye abantu ni bande i buta i kibimba i bugendana nubu vuba abishe abantu urw.agashinyaguro bakabata mu binogo rusangi bobo mubavugako iki abatungiriye abantu bakabata mu ruvubu bo bite abagandaguye ab fnl mur 2011 abaturiye abantu i butezi abasekuye inzoya mu masekuro rek bash kub muvuga na nkurunziza yarababariwe mbabazwa nako kagabo katazi ico kavuga ngo basubizeho igihano nibabikore ark abicanyi benshi bar mur mwebwe na adolph yishwe n nkurunziza non yicwe rer?aba bavuze ukwo ni nk.ibitazi

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.