Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya yagirizwa gukorera ku (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya yagirizwa gukorera ku (...)

Inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya yagirizwa gukorera ku rwikeko

mardi 1er Myandagaro 2017

Mu kiganiro abakenguzamateka baremesheje kuri uno wa kabirti igenekerezo rya 1 Myandagaro 2017,mu ntumbero yo kwihweza ibiri mu ngingo y’inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya, abakenguzamateka bagarutse ku makenga ashingiye ku vyanditswe muri iyo ngingo.

Ku bijanye n’umutekano,poritike n’imibano, abakenguzamateka bamenyesheje ko aho inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya ivuga ko bitifashe neza, ahubwo vyateye imbere.

Mu bijanye n’ubutungane, abakenguzamateka bavuze ko inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya yavuze ibinyoma ko ubutungane budakora, kandi Uburundi bufise inzego zijejwe ubutungane kandi zikora.

Abakenguzamateka bagarutse ku biri mu ngingo y’inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya ku bijanye n’uko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA ashobora gusubira kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu.

’’Abakenguzamateka b’Ubumwe bwa Buraya bararenze akarimbi’’

Umukenguzamateka Immaculée NDABANEZE yatowe mu ntara ya Bubanza yavuze ko bigoye kwemeza ko umukuru w’igihugu azosubira kwitoza nk’uko inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya yabimenyesheje ,mu gihe hari ibwirizwa nshingiro ry’igihugu,kandi ritegerezwa kwubahirizwa, kuko ari naryo riri hejuru y’ayandi mategeko yose.

Ati:«Nta kintu gihindurwa mw’ibwirizwa nshingiro mu gihe gishobora guhungabanya ubumwe,ubwigenge, ubwiyunge na Reta idashingiye kw’idini.» Yongeye ati: «Bararenze akarimbi,dufise ibwirizwa nshingiro twisunga kandi nta wundi ahindura ibwirizwa nshingiro atari abanyagihugu

Umukenguzamateka Immaculée NDABANEZE yavuze ko ivyashikirijwe n’abashingamateka b’Ubumwe bwa Buraya bakoreye ku mwikeko,kuko ataho vyanditswe ko umukuru w’igihugu azosubira kwitoza.

JPEG - 35.7 ko
Reverien NDIKURIYO,umukuru w’inama nkenguzamateka

Ku ruhande rwiwe,umukuru w’inama nkenguzamateka Révérien NDIKURIYO yasavye abashingamateka b’Ubumwe bwa Buraya kuva mu mwikeko bakavugisha ukuri, ku bintu biriho.

Yavuze ati: «Nta muntu yatowe n’abanyagihugu akorera ku mwikeko, aba ariko atukisha urwego aserukira

Révérien NDIKURIYO arongoye inama nkenguzamateka y’Uburundi yavuze ko inama nshingamateka y’Ubumwe bwa Buraya iriko irarengera akarimbi umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.