Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indege ya Tanzaniya igiye gutangura ingendo i Bujumbura - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Indege ya Tanzaniya igiye gutangura ingendo i Bujumbura

Indege ya Tanzaniya igiye gutangura ingendo i Bujumbura

mardi 1er Myandagaro 2017

Ladislas MATINDE amenyesha ko iyo ndege izotangura kugira urugendo iva mu gisagara ca Dar-Es-Salaam iza I Bujumbura mu ntangao z’uku kwezi kwa Myandagaro 2017.

Umuyobozi mukuru ajejwe indege za Reta avuga ko urugendo rw’indege iva I Dar-Es-Salaam ija I Bujumbura ari akaryo keza ko kwongereza ubutunzi bw’igihugu.

Ingendo z’indege ya Tanzaniya zizotangurira mu ntara ya Kigoma ihana urubibe n’igihugu c’Uburundi mu bumanuko.

Iyo nging ifashwe inyuma y’iminsi mike umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA agize urugendo mu gihugu ca Tanzaniya,umukuru w’igihugu ca Tanzaniya John Pombe MAGUFURI yavuze ko bikwiye ko igihugu ca Tanzaniya n’Uburundi bitegerezwa gukomeza imigenderanire na cane mu bijanye n’ubutunzi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.