Accueil > Amakuru > Mu makungu > Indoneziya : Abantu 11 bapfuye mu gitero c’abihevyi
Indoneziya : Abantu 11 bapfuye mu gitero c’abihevyi
dimanche 13 mai 2018
Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko bivugwa ko mu bakoze ivyo bitero, harimwo umugore yaje mw’isengero afise abana babiri.
Ayo makuru ya BBC, yemeza ko ata muntu canke umugwi wemeye ku mugaragaro ko ariwo wagize ivyo bitero.
Mu bindi vyabaye, igipolisi cishe kirashe abantu bane ciketse ko bari mu bikorwa vy’iterabwoba, mu gisagara ca Cianjur.
Indoneziya ni igihugu kirwiriyemwo abanyagihugu bo mw’idini rya Islamu, ariko kikabamwo n’abakirisu barenga imiliyoni 20.
MUGISHA Van Naris