Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Indongozi za CNDD-FDD zisabwa guhimiriza abanyagihugu kuja kwiyandikisha - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Indongozi za CNDD-FDD zisabwa guhimiriza abanyagihugu kuja kwiyandikisha

Indongozi za CNDD-FDD zisabwa guhimiriza abanyagihugu kuja kwiyandikisha

vendredi 9 février 2018

Mu rwandiko yanditse rufise umutwe ‘’Gukebura abatwara umugambwe mu ntara’’, Evariste NDAYISHIMIYE umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD –FDD ku rwego rw’igihugu asaba abatwara umugambwe kuva ku rwego rwo hasi, gusuzuma ko abanyagihugu bafise ibikenewe kugira biyandikishe, hamwe no gusuzuma ko abakwije imyaka 16 bose bafise ikarata karangamuntu.

Muri urwo rwandiko, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD asaba abarongozi b’umugambwe gukurikirana ku mwanya ku mwanya igikorwa co kwiyandikisha, gutanga ivyegeranyo mu gihe cose bikenewe, no gutanga igitigiri c’abiyandikisha mu ntara ku munsi ku munsi inyuma y’umuhingamo.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko , iki ari igihe k’ubuserukizi bukuru bw’umugambwe co gupima umwe umwe wese urugezo agezeko mu gutunganya ibikorwa mu karere kiwe.

JPEG - 42.6 ko
Evariste NDAYISHIMIYE,Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD

Umunyabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD amenyesha ko bazokora icegeranyo cerekana ingorane intara yose yagize, bakazzogifatirako mu gufata ingingo zibereye.

Igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora catanguye kur’uyu wa kane igenekerezo rya 8 Ruhuhuma 2018, kizorangira kw’igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2018.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.