Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ingendo z’indege zigiye kworoha mu karere ka EAC kuva mu mpera za (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubuseruko > Ingendo z’indege zigiye kworoha mu karere ka EAC kuva mu mpera za (...)

Ingendo z’indege zigiye kworoha mu karere ka EAC kuva mu mpera za 2017

mercredi 14 Ruheshi 2017

Ayo masezerano yamaze gutangura kuganirwako,ashobora kworosha uruja n’uruza mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko EAC kuko vyitezwe ko ibiciro vy’indege bishobora kugabanuka, n’abiyunguruza bakongerekana.

Ikinyamakuru Igihe.com kivuga ko ikinyamakuru The East African mu nkuru yaco kivuga ko ibizohinduka mu ruja n’uruza rw’indege bizotuma igiciro c’indege kigabanuka gushika ku bice 12% mu karere kose, kandi umunyagihugu wo mu karere azorihishwa amadorare 5 y’abanyamerika mu bikorwa yakorerwa mu gihe abava mu bindi bihugu bazoriha amadorare 50 y’abanyamerika.

Ukwunguruza ibintu n’abantu hakoreshejwe indege mu karere ka Afrika y’Ubuseruko EAC vyarateye imbere gushika ku bice 3,4 % mu myaka 10 iheze,mu gihe ku rwego rw’isi vyaduze gushika ku bice 5,5%.

Ivyigwa biheruka gukorwa n’inama y’ubudandaji mu karere ka Afrika y’Ubuseruko yerekanye ko gukuraho inzitizi mu bijanye no kwiyunguruza n’indege bishobora gutuma igiciro c’indege kigabanuka gushika ku bice 9%,ingendo naz zikiyongera gushika ku bice 41%.

Bitegekanijwe ko bizokwongereza akazi kandi ku bantu bababa 46320 bigatuma hinjira amafaranga yababa imiliyoni 202,1 z’amadorare mu bihugu vya Kenya, Uganda, Tanzania, Urwanda n’ Uburundi.

Ubu amashirahamwe RwandAir na Kenya Airways niyo asa n’ayiharije akarere ka Afrika y’Ubuseruko, kuko ariyo akora ingendo nyishi mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Amen,amen alléluia!!!!!Imana ishimagizwe kubantu Imana ikunda bakayikundira.Biraryoshe cane kunva ko igihugu cacu C’Uburundi kigiye kuja hamwe Na Kenya,Uganda n’Urwanda mugufungurira AMAREMBO ya ba mukera rugendo hakoreshejwe VISA imwe ya EAC.Komera burundi bwacu,bakavantara baze baraza kwirabira ivyiza vy,Afurika ni gihugu ci Burundi kidasigaye imyuma.
    Imana ihezagire ibikorwa vyiza vya EAC,Hamwe nabanyacubahiro bose bashize mungiro uyo mugambi mwiza witerambere kuri bose.Amene.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.