Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Ingwara ya Korera yateye mu ntara ya Cibitoke
Ingwara ya Korera yateye mu ntara ya Cibitoke
mercredi 11 Nzero 2017, par
Ingwara ya Korera yasubiriye kwibonekeza muma komine atandukanye y’intara ya Cibitoke, aho abagera ku 135 aribo bamaze gufatwa. Bamwe muri abo barwariye muhira, abandi bakaba bari mu bitaro.
Komine asinzikajwe cane n’iyo ngwara ni Rugombo, anajejwe intwaro bakavuga ko ituruka ku banyagihugu bataratahura akamaro k’isuku hamwe n’ukwimba utuzu twa surwumwe.
Bamwe mu banyagihugu bo muri iyo komine baracituma mu mashamba, imvura iguye igaca itwara uwo mwanda mu nzuzi zisanzwe zivomwamwo n’abanyagihugu begereye aho ziri izo nzuzi.
Abajejwe intwaro bahanura abanyagihugu ko bokurikiza amabwirizwa y’isuku, bongere bimbe utuzu rwa surwumwe mu mihana yabo, badukoreshe neza, banatugirire isuku.
IGIHE
Messages
12 Nzero 2017, 08:42, par Intare
Ndebera cyagihugu gihangana n’u Rwanda,Cholera muri 2017 ?
9 Ndamukiza 2017, 23:40, par meli
cibitok niko yabaye izo ngwara ziterwa ninzoga bita urugonbo zikorerwa iwabo