Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Inkino za gisirikare zihuza ibihugu vya EAC zarangiye - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Inkino za gisirikare zihuza ibihugu vya EAC zarangiye

Inkino za gisirikare zihuza ibihugu vya EAC zarangiye

mardi 5 Nyakanga 2017

Imwe mu migwi yavyifashemwo neza mur’izo nkino, ni Tanzaniya yatahukanye ikibanza ca mbere mu rukino rw’umupira w’amaboko Basketball.kikaza kuronswa umudare w’inzahabu ,igihugu c’Uburundi cabaye ica kabiri kikaronswa umudare w’ifeza nayo igihugu ca gatatu cabaye Ubuganda kikaronswa umudare w’umujumbu.

Mu rukino rw’amaboko “ volleyball” mu bigeme,igihugu ca Kenya cabaye ica mbere kikaronswa umudare w’inzahabu,igihugu ca Tanzaniya kiza ubwakabiri kironswa umudare w’ifeza n’aho igihugu c’Ubuganda kikaza ubwa gatatu gitahukane umudari w’umujumbu.

Mu rukino rw’amaboko “Netball” ku bigeme,igihugu ca Kenya kiza ubwambere aho kironswa umudare w’inzahabu,igihugu c’Ubuganda kiza ubwa kabiri kironka umudare w’ifeza ,ikibanza ca gatatu catahukanywe n’igihugu ca Tanzaniya kironswa umudare w’umujumbu.

Mwomenya ko izo nkino zigira 11 zitunganijwe ku rwego rw’Ishirahamwe ry’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko zabereye mu Burundi, kuva kw’ibihugu bigize akarere ka Afirika y’’igenekerezo rya 26 Myandagaro 2017.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.