Accueil > Inkino > FOOTBALL > Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 zatsinze Etiyopiya
Intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 20 zatsinze Etiyopiya
dimanche 22 avril 2018
Urwo rukino rwahuje umurwi nserukiragihugu w’Uburundi n’uwa Etiyopiya rwakinywe mu ntumbero yo kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu ku mugabane wa Afrika y’abakinyi batarenza imyaka 20.
Kuva mu gice ca mbere c’urukino, imirwi yose yagumnye yerekana ko ikeneye intsinzi, Uburundi bukagomba kuzigama intsinzi, Etiyopiya nayo kugombora ibitsindo bibiri yinjirijwe I Addis-Abeba, ariko ntihagira umurwi n’umwe utsinda igitsindo.
Ku munota wa 85, mu gice ca kabiri c’urukino, niho umusatirizi w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Shaka Bienvenu yinjija igitsindo kimwe c’Uburundi, ari naco co nyene cabonetse muri urwo rukino.
Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, uciye ukwiza ibitsindo bitatu ku busa vya Etiyopiya, mu gice gikurikira Uburundi buzoca bukina n’igihugu ca Sudani.
MUGISHA Van Naris