Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Intumwa idasanzwe ya ONU yatanguye urugendo mu Burundi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Intumwa idasanzwe ya ONU yatanguye urugendo mu Burundi

Intumwa idasanzwe ya ONU yatanguye urugendo mu Burundi

mercredi 28 Ruheshi 2017

Amakuru dukesha itorokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, amenyeshako mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesheje ko Michel Kafando aje mu Burundi kugira amenyane n’umukuru w’igihugu,kuko ari irya mbere azoba abonanye nawe.

Ayo makuru nyene akamenyesha ko, mu biro vy’umukuru w’igihugu bemeje ayo makuru, kandi ko bitegekanijwe ko Michel Kafando abonana n’umukuru w’igihugu kuri uno wa kane igenekerezo rya 29 Ruheshi 2017.

Itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP rimeneyesha ko bitegekanijwe kandi ko Michel Kafando aca bandaniriza urugendo kuy munsi wa kane,mu gihugu ca Tanzaniya,aho azobonana n’umufasha w’umuhuza mu bibazo vy’Uburundi Benjamin Mkapa, hanyuma akaja mu gihugu c’Ubuganda kubonana n’umuhuza akaba n’umukuru w’igihugu c’Ubuganda Yoweri Kaguta Museveni.

Michel Kafando yagenywe kuba intumwa idasanzwe y’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU mu Burundi, mu mpera zukwezi kwa gatanu,ngo asubirire Jamal Benomar yagirijwe na Reta y’Uburundi ko afise uruhara mu vyegeranyo bitavuga ukuri ku Burundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.