IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa z’Ubuswise mu murwi ujejwe agateka ka zina muntu usaba Uburundi (...)

Intumwa z’Ubuswise mu murwi ujejwe agateka ka zina muntu usaba Uburundi gukorana n’umurwi w’amatohoza

mardi 14 Ntwarante 2017

Intumwa z’igihugu c’Ubuswise mu murwi w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ujejwe agateka ka zina muntu, zimenyesha ko zitewe impungenge n’ingene agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi.

Mw’itangazo intumwa z’igihugu c’Ubuswise zashikirije kuri uno wa mbere igenekerezo rya 13 Ntwarante,umwaka wa 2017, zimenyesha ko agateka ka zina muntu kabandanije guhungabana mu Burundi, kuva icegeranyo c’abahinga bigenga ba ONU kigiye ahabona.

Muri iryo tangazo, intumwa z ‘igihugu c’Ubuswise zimenyesha ko zifise impungenge kandi ku kudahana abakoze ivyaha kubandanya kwibonekeza mu Burundi.

Izo ntumwa z’Ubuswise zimenyesha ko zifise amakenga kuba Uburundi bwafashe ingingo yo guhagarika imigenderanire n’umurwi wa ONU ujejwe agatake ka zina muntu, no kwikura muri sentare mpuzamakungu kuko bishobora gutuma hataba gukurikiranwa neza kw’agateka ka zina muntu mu Burundi.

Intumwa z’igihugu c’Ubuswise zisaba abategetsi b’Uburundi gukorana n’umurwi w’amatohoza ku Burundi kugira ugusinzikaza agateka ka zina muntu bihagarare mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Isi yose iravumira ku gahera DD n’abarongozi bayo, genda DD wacafuje u Burundi,muga ntaco muzojanwa i la Haye tout,fimbo chapa

  • Twabasavye muhimirize ibihugu bitumva akamo twateye kuko ababihungiyemwo basize baturiye abantu nababihungiyemwo nahejeje kugerageza gutembagaza ubutegetsi mwarase kubifata nkankama nitwakomeza kunyuranywa namwe nimwebwe mwabitanguye, turasaba rero amategeko akurikizwe kwisi hose mubihugu bikenye nomubihugu bikize.
    Nimba mumategeko ya onu harimwo ahavugako atamvonimwe wokwitwaza ngwitume utembagaza ubutegetsi bwigihugu , iyongingo nugukora mubihugu vyose nu Burundi burimwo sinzirero koku Burundi icimera nkiyitavaho!
    Unkundiye nzogukunda,
    Unyankiye nzokwanka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.