Accueil > Amakuru > u Burundi > Intwazangabo y’Uburundi muri AMISOM yashimiwe
Intwazangabo y’Uburundi muri AMISOM yashimiwe
vendredi 7 Ndamukiza 2017, par
Général de Brigade Venuste NDUWAYO, intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi, ari mu basirikare bakuru bo muri AMISOM mu gihugu ca Somaliya yashimiwe. Abakejwe kubw’ibikorwa barangura aho muri AMISOM bose hamwe ni intwazangabo 30 zo mu bihugu bitandukanye vyarungitswe kugarukana amahoro muri Somaliya.
Itangazo ryasohowe na AMISOM rivuga ko abo basirikare b’intwazangabo bashimiwe na Lt. Gen. Osman Noor Soubagleh asanzwe ariwe arongoye ingabo ziri muri AMISOM.
Umurundi Général de Brigade Venuste NDUWAYO asanzwe ariwe arongoye abasirikare b’Abarundi muri ico gihugu ari mu bashimiwe, akaba yashitse mu gihugu ca Somaliya ku kwezi kwa Mukakaro 2016.
- General de Brigade Venuste NDUWAYO, arongoye abasirikare b’Abarundi barungitswe muri Somaliya
Uburundi nico gihugu kigira kabiri gifise abasirikare benshi muri AMISOM, igihugu ca mbere akaba ari Uganda. Abategetsi ba AMISOM hamwe n’abo mu bumwe bwa Afrika barashima ibikorwa vy’abasirikare b’Abarundi bafatwa nkaba "bitumwako" mu kugaruza ibibanza biba vyigaruriwe n’abarwanyi ba Al Shabab, hamwe n’ugukingira umutekano w’abanyagihugu bo muri ico gihugu.
IGIHE
Messages
7 Ndamukiza 2017, 10:41, par Wakera
Congratulations ntabe ari DD yamushimiye kubera basigaye bakorana mugutoteza aba Ex-Fab!!! None nawe akeneye Buruguri y’abashinwa!Nasubize agateka promotion ya 21 (Iscam) apana Iscam iri hejuru ya Musigati canke Matongo !!! Niyashika Kinanira 3 nzoza kumubaza icatumye ahemukira aba poils bakera! Wait and see
7 Ndamukiza 2017, 11:22, par Komera Burundi
Ndagukeje nyakubahwa, uriteye iteka kandi urariteye igihugu cakwibarutse. Uritandukanije na ya mihimbiri ba Rwembe n’iyindi mihimbiri ikora nka Rwembe.
7 Ndamukiza 2017, 13:07, par NTAMAGIRO
ABASODA BABARUNDI NIBABITUMWAKO KWERI AHUBWO NIBABAHE AGAHEMBO KABO BARAGAKWIYE UBURUNDI BUFISE INGABO ZIBUSHITSE ZUNZE URUNANI NTIZIZODOHOKA KURI DISPRINE UMUSHINGE WIGISODA KOMERA MON GENELAL GUSHK KURI 2CL AHOMURI NIMWIRAMBIRE ABARUNDI TURABASHIGIKIY PASFIQUE NTAHO AZOCA TURUGAYE NIGUFURI BITA COFRE FORT
7 Ndamukiza 2017, 13:47, par Jay
Komeza Umurimo
7 Ndamukiza 2017, 17:41, par Wakera
Guma Kwibanga Musatire Mwereke Izontozo Ziyita Bawakera Ko Atantambwe Nimwe Bazopfa Bateye Mugusambura Igihugu.
7 Ndamukiza 2017, 17:42, par Wakera
Guma Kwibanga Musatire Mwereke Izontozo Ziyita Bawakera Ko Atantambwe Nimwe Bazopfa Bateye Mugusambura Igihugu.
7 Ndamukiza 2017, 20:23, par NTIBARIKURE Denis
Ingabo zacu zikomere kumuheto zandike amateka mumakungu eka nokwisi yose twame turi babitumwako
7 Ndamukiza 2017, 21:47, par jean bosco
Birazwi abarundi ni babitumwako
8 Ndamukiza 2017, 05:53, par J6
Hinda izombwa!
9 Ndamukiza 2017, 21:26, par NDAYISENGA
ABARUNDI TURI INTWARI.
10 Ndamukiza 2017, 18:04, par jean claude
nibakomeze kwandikisha amateka.
11 Ndamukiza 2017, 22:24, par CISSOKO
ABARUNDI TURINGABO
23 Ndamukiza 2017, 20:12, par JO JO
Nuwotuka ntiyotuka urukwavu ngontiruzi kwiruka,ingabo zuburundi zamye ari bitumwako nubwo mumamakungu bamwe bavyiyobagiza.
27 Ndamukiza 2017, 08:02, par jean marc burundi
umenga atari umu dd, kuko abadd ntakindi bazi atari ukwica inzirakarengane aba ex fab nibo bazi ico gukora naho aba dd,interahamwe,ba adolfe,ba nkurumbi,badarius,niyindi mihimbiri ntavuze icabo ni ukunywa amaraso ya bene burundi....ngejeje aho.
1er Ruheshi 2017, 21:42, par FIACRE
Ayonamateka kugihug cac cuburundi.