Accueil > Amakuru > Amashuri > Inyigisho z’inyongera zahagaritswe vy’agateganyo mu mashure
Inyigisho z’inyongera zahagaritswe vy’agateganyo mu mashure
jeudi 5 Nzero 2017, par
Ubushikiranganji b’indero bwafashe ingingo y’uguhagarika inyigisho z’inyongera (Cours de renforcements) zahora zitangwa mu mashure atandukanye. Muri ubwo bushikiranganji bamenyesha ko bamwe mu bigisha bahora batanga izo nyigisho bashira imbere amafaranga kurusha ico gikorwa.
Nk’uko bishikirizwa na Juma Edouard, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero, inyigisho z’inyongera zari zisigaye zitangwa ku mafaranga menshi, ibitandukanye n’intumbero z’izo nyigisho.
Ubwo bushikiranganji bwashizeho umurwi wiga ico kibazo c’amafaranga atozwa abo banyeshure, kikaba cazanye impari hagati y’abayobozi b’amashure hamwe n’abagisha.
Mu ntumbero y’ukurwanya igiturire hamwe n’itunganywa ribi ry’amafaranga y’amashure, ubushikiranganji bw’indero bwashizeho inomero itariha, abafise ikibabakiye bagashobora guhamagara kuri 22 22 50 36.
IGIHE
Messages
5 Nzero 2017, 11:53, par paul
natwe mu Rwanda izo nyigisho zarahagaritswe kuko wasangaga umwalimu yita cyane ku banyeshuli yahaga izo nyigisho kurenza abandi banyeshuli batiga izo nyigisho ndetse wasangaga abalimu bakopeza za examen abanyeshuli bigisha izo nyigisho zitwa cour du soir ni byiza cyane kuba ministeri y’ amashuli mu Burundi yahagaritse izo nyigisho zituma habaho ni giturire abanyeshili bamwe bakaguran amanota
5 Nzero 2017, 12:33, par rwasa
Ego vyagorana kwer ,ndashimye komwaciye mushiraho izonomero
5 Nzero 2017, 21:35, par Tom star
Ndabshimy can kko hahor higa aban baba boss twe banyarucar tukaharwa.
5 Nzero 2017, 22:57, par BARITORAGUZA hilaire
NGIRA MWATANZE HORAIRE NGUFI.BO NUKO BAKARONSE BATARUSHE.UBONA ICO KAMPA KUMARA 4ANS NKORERA ZERO!MUGA NZOKORA KANDI NEZEREWE
7 Nzero 2017, 01:49, par Sin Egide
Qu’ils travaillent dans les memes conditions que les autres!