Accueil > Amakuru > Amashuri > Inyigisho z’ukwongereza ubumenyi abanyeshure babanje kuriha amafaranga (...)
Inyigisho z’ukwongereza ubumenyi abanyeshure babanje kuriha amafaranga zahagaritswe
mardi 17 Nzero 2017, par
Ubushikiranganji bw’indero bwafashe ingingo y’uguhagarika inyigisho z’ukwongereza ubumenyi (Cours de renforcement) zahora zihabwa abanyeshure bo mu mashure atandukanye. Muri ubwo bushikiranganji bavuga ko amafaranga atangwa muri izo nyigisho aza kuvuguruza umugambi wa Reta y’ukwigisha abana ku buntu, kuko abatayatanze babirukana canke bakababuza gukora ibibazo. Muri ubwo bushikiranganji bavuga kandi ko n’akanovera k’inyigisho gaca gatituka.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero yamenyesheje ko amashure azoshaka kwongereza ubumenyi bw’abanyeshure yobitunganya ku gatwe kayo, kandi ico gikorwa kikaba ku buntu.
- Janvière NDIRAHISHA, umushikiranganji w’indero
Mu gihe ayo mafaranga yahora atozwa n’ubuyobozi bw’ishure, akagabanganwa n’abantu bose barangurira imirimo kuri iryo shure, harimwo n’abatari abigisha. Kubw’umushikiranganji w’indero, bica bigora kumenya namba intumbero y’izo nyigisho ari ukwungura ubumenyi abanyeshure canke ukwongereza agashahara k’abakozi ko kw’ishure.
Ukutumvikana kuraheza kukiboneza mu kugabangana ayo mafaranga, nk’uko bivugwa n’umushikiranganji NDIRAHISHA, abigisha bamwe bamwe bakiziganya mw’ishure kugira baze kwigisha neza muri izo nyigisho z’ukwongereza ubumenyi, bamwe muribo mbere bakagira nkunzi kuri bamwe mu bana bigisha ku mugoroba.
Ubushikiranganji bw’indero bukaba bwafashe rero ingingo ko izo nyigisho zizotunganwa n’amashure ubwayo, kandi zitangwe ku buntu ku mashure bibonetse ko zikenewe.
IGIHE
Messages
17 Nzero 2017, 09:53, par umwigisha
MURAMUBAZA KO AMASAHA YIGISHIJE MURI ENS NA UB KO ATAYAHEMBEWE KANDI AFISE UMUSHAHARA WO KURONGORA ENS
17 Nzero 2017, 18:05, par Na bado
Igihugu c’ubusimbirahamwe n’abasuma. Aho hose ni umunyagihugu ariha. None ingingo nkiyo yari yafashwe nande? Ninde ashinga amategeko mu bushikiranganji bw’indero canke mu bundu bushikiranganji? Aba DD muri akamenyo kweri.
19 Ruhuhuma 2017, 21:00, par prote
jew mbona atacavuyek kuyo nahora ndiha nahor ndiha 7500 ub nkarih7000 nic kimw