Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
"Inyishu y’ibibazo vya poritike y’Uburundi iri mw’iyubahirizwa ry’amasezerano (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > "Inyishu y’ibibazo vya poritike y’Uburundi iri mw’iyubahirizwa ry’amasezerano (...)

"Inyishu y’ibibazo vya poritike y’Uburundi iri mw’iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha"

mardi 29 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo rwasohowe n’urunani CNARED, bibuka imyaka 17 iheze amasezerano y’i Arusha ateweko umukono, Karori NDITIJE arongoye urwo runani avuga ko intureka za poritike Uburundi burimwo kuva mu mwaka w’2015 zatewe n’ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA, muri urwo runani bakavuga ko izo ntureka zidateze guhera, kubera umugambi wa Reta y’Uburundi w’uguhindura ibwirizwa shingiro.

Muri CNARED bavuga kandi ko n’inzira y’ibiganiro yari yatangujwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko ataco yashoboye gushikako, bitewe n’ubutegetsi bw’i Bujumbura butemeye kwicarana n’abo batavuga rumwe.

JPEG - 19.7 ko
Karori NDITIJE, umukuru w’urunani CNARED

Karori NDITIJE arongoye CNARED asaba abakuru b’ibihugu bo mu karere Uburundi buherereyemwo basanzwe barakurikiranye ivy’amasezerano y’i Arusha, ko bogondoza umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA akavavanura n’ingingo y’uguhindura ibwirizwa shingiro. Mu gihe ubutegetsi bw’Uburundi bwokwanka naho, CNARED isaba ko ibihano vyofatwa. Sentare mpuzamakungu mpanavyaha nayo isabwa kubandanya amatohoza yatanguje ku vyaha vyakozwe kuva kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2015, kugira ababikoze babibazwe imbere y’ubutungane.


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.