Accueil > Amakuru > Mu makungu > Irak : Abanyagihugu 17 bahitanwe n’ibisasu
Irak : Abanyagihugu 17 bahitanwe n’ibisasu
dimanche 6 Munyonyo 2016, par
Igiporisi ca Irak kivuga ko abanyagihugu 17 bahitanywe n’ibisasu vyatezwe iruhande y’amabarabara, mu gihe abo bantu bariko bahunga intagondwa zo mu barwanyi biyita Reta ya Kiyisilamu (Islamic State).
Muri ivyo bisasu vyatewe, bibiri vyatewe kw’ikamyo yari itwaye imiryango yahunga, mu gisagara ca Hawija gisanzwe kiri mu minwe y’abarwanyi ba Islamic State. Umuporisi yari mu modoka yari iherekeje iyo kamyo nawe yishwe, nk’uko bivugwa na BBC.
Ico gitero cakozwe mu gihe abasirikare ba Reta ya Irak babandanya gutera intambwe mu bitero vyabo vyo kugarukana igisagara ca Mosul kigenzurwa n’abarwanyi biyita aba Reta ya Kiyislamu.
Impande zompi zihanganye zibandanya kurasana hakoreshejwe ibisasu vya muzinga, mu gihe ingabo za Reta ziriko zigerageza kurinda uturere zisubije mu duce two mu burasirazuba bw’ico gisagara.
IGIHE
Messages
6 Munyonyo 2016, 12:40, par Selemani
Jembonabokumvirikanantihagireamarasoyogumaaseseka.
6 Munyonyo 2016, 14:19, par Mboninyibuka Léonidas
Nibareke! Abaisilam, Baramaze Gutsindwa.
6 Munyonyo 2016, 20:42, par Niyonkuru Eric
emwe izompunzi zozo nizo zihaboneye nibazireke zihungire kuko biragoye nakare amagara aramirwa ntamerwa
6 Munyonyo 2016, 20:43, par Niyonkuru Eric
emwe izompunzi zozo nizo zihaboneye nibazireke zihungire kuko biragoye nakare amagara aramirwa ntamerwa
6 Munyonyo 2016, 21:02, par RIONERI
NKIBIBINTUNKIVYO,MURASHOBORA,KUBISENGERA,MUBANDANYEGUSENGA,IMANAYOMWIJURU,IZOBIRABA,IZONKOZAZIBIBI,ZIGAFATWA
8 Munyonyo 2016, 11:07, par Gerard
Imiryangoya Bo Yihangane Imana Ibacy,iremubayo Kdi Abobantu Ntu Kubashakisha Anibisuma!