Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Irak : Ibitero bibiri vya bombe vyahitanye abantu 10 - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Irak : Ibitero bibiri vya bombe vyahitanye abantu 10

Irak : Ibitero bibiri vya bombe vyahitanye abantu 10

mardi 4 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu bagera kw’icumi nibo bahitanwe n’amabombe yatewe kuri uwu wa mbere, mu duce tubiri tugwiriyemwo abayisilamu bo mu bwoko bw’aba Shiite, ku murwa mukuru Baghdad wa Iraki.

Amakuru atangwa n’abategetsi bajejwe umutekano n’abo muvy’amagara y’abantu avuga ko ibombe ya mbere yaguye kw’isoko iri mu micungararo y’ahitwa Amil, mu bumanuko bwa Baghdad, ihitana abashika kuri batandatu, yongera ikomeretsa abarenga 16.

Ibombe igira kabiri yaturikiye hafi y’igituro c’amatagisi n’imiduga yunguruza abantu, ikaba yahitanye abashika kuri babiri, hakomereka abaharurwa muri 11.

Abajejwe intwaro muri Iraki bamenyesha k gushika ubu ata muhari n’umwe uriyitirira ivyo bitero bibiri.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.