IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > terefone > Ishirahamnwe Google ryatanguye gukorana n’ishirahamwe HTC

Ishirahamnwe Google ryatanguye gukorana n’ishirahamwe HTC

jeudi 21 Nyakanga 2017

Vyari vyitezwe ko ishirahamwe Google rigura imitahe mw’ishirahamwe HTC ariko vyahavuye bihagarara, bagiriranira amasezerano arimwo gufasha ishirahamwe Google kwikorera terefone zayo.

Mu masezerano harimwo ko bamwe mu bakozi ba HTC bashika ku 2000 bakora mu bijanye n’amaterefone bazokorana na Google. HTC ryagize ibihe vyiza kuko terefone zayo zakunzwe kw’isoko, ariko ubu ririko risubira inyuma kubera terefone nshasha za Apple na Sumsung.

Rick Osterloh ajejwe ihingurwa ry’ivyuma bikoresha ubuhinga bwa none muri Google, yavuze ko amasezerano bagiranye na HTC ari intango kugira iryo shirahamwe rishobora guteza imbere ibikorwa vyo gukora Terefone.

Mu mwaka uheze ishirahamwe HTC ryari ryafashije Google mu gukora terefone zayo zo mu bwoko bwa Pixel na Pixel XL. Mu kwezi kuza kwa Gitugutu Google izosubira gushira ahabona ubwoko bwa terefone ariko busubiwemwo.

Ayo masezerano hagati ya Google na HTC ategerezwa kuba yatanguye gushirwa mu ngiro mu ntango z’umwaka wa 2018.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.