Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Ishirahamwe Econet Leo rirabeshuza amakuru ariko acishwa ku mbuga (...)
Ishirahamwe Econet Leo rirabeshuza amakuru ariko acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi
mercredi 5 Ndamukiza 2017
Ishirahamwe Econet LEO rirabeshuza amakuru ariko acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi za WhatsApp na Facebook, ko iryo shirahamwe ririko riratanga akazi k’umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe.
Mw’itangazo ryasohowe kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2017 na Hardy Pemhiwa, umukuru w’urwego nyobozi rwa Econet Leo, bamenyesha ko ayo makuru ariko acishwa ku mbuga ngurukanabumenyi atariyo, kandi ko abari inyuma y’ikwiragizwa ryayo bazokurikiranwa mu butungane.
Ishirahamwe Econet Leo ryibutsa ko Emmanuel Hamez yahora ari umuyobozi mukuru w’iryo shirahamwe yatanze imihoho kuva kw’igenekerezo rya mbere Kigarama 2016.
Iryo shirahamwe rivuga ko uguhitamwo (sélection) uwuzotahukira ico kibanza kwamaze gutangura, kandi ko niyamara kumenyekana azoshirwa ahabona kugira abakorana n’iryo shirahamwe hamwe n’abanywanyi baryo bamumenye.
IGIHE
Messages
6 Ndamukiza 2017, 11:49, par Wakera
Ubwo butungane mbe bavuga mwobatubariza ubwaribwo kugire natwe birirwa baragandagurira abantu tuzobwiture, ko twaburondeye kera tukabubura! Ivyo navyo vy’umuyobozi we don’t care about it!
8 Ndamukiza 2017, 12:07, par niyingabire alexis
amakurumashasha