Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ishirahamwe PARCEM rirerekana ico Reta yokora mu gutorera inyishu ikibazo (...)
Ishirahamwe PARCEM rirerekana ico Reta yokora mu gutorera inyishu ikibazo c’igitoro
jeudi 1er Ruheshi 2017
Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM amenyesha ko hageze ko Reta ivuga ukuri ku bijanye n’uko ubutunzi bw’igihugu bwifashe. Avuga ko bitoroshe kunyegeza ukuri kw’uko ibintu vyifashe mu bijanye n’ubutunzi.
Kubwa Faustin NDIKUMANA amenyesha ko Ibanki Nkuru y’Igihugu ifise uruhara rukomeye mu bijanye n’igitoro,kuko ariyo itegerezwa kugenzura kandi igakurikiranira hafi ingene ibidandazwa biva hanze vyinjira,ikagenzura kandi ingene amafaranga y’agaciro atembera mu gihugu.
Umukuru w’ishirahamwe PARCEM aho ibintu bigeze uno munsi,hakenewe ingabire n’ingurane zihuta ku gihugu,kugira zifashe mu gisata c’igitoro.
Haraheze hafi ukwezi hibonekeza ubukene bw’igitoro mu gihugu, bigatuma haba ikibazo co kwiyunguruza haba mu gisagara ca Bujumbura canke hagati mu gihugu
MUGISHA Van Naris
Messages
2 Ruheshi 2017, 07:20, par Niyinzigama constantin
Non nikuki igitoro tukibura kandi turi hafi yimbib