IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > Ishirahamwe SOJPAE rimenyesha ko rigiye kwitwarira ishirahamwe (...)

Ishirahamwe SOJPAE rimenyesha ko rigiye kwitwarira ishirahamwe REGIDESO

mardi 10 Nzero 2017

Ishirahamwe ryishinze kugingira agateka k’abana SOJPAE rimenyesha ko rigiye kwitwarira ishirahamwe ritanga amazi n’umuyagankuba REGIDESO,inyuma y’urupfu rw’umwana w’umwigeme ahitanywe n’umuyagankuba.

David Ninganza arongoye ishirahamwe SOJPAE amenyesha ko uwo mwana w’umwigeme yahitanywe n’intsinga z’umuyagankuba wa REGIDESO igihe bazisize zidafutse bahejeje kuziteranya.

Umukuru w’ishirahamwe SOJPAE amenyesha ko ikibabaje ari uko ishirahamwe REGIDESO ataco ryafashije no mu gikorwa co gushingura uwo mwana yahitanywe n’umuyagankuba,mu kwezi kwa Kigarama mu mwaka uheze wa 2016,igihe yari avuye gusenga.

Asaba abakozi bato bato ko mu gihe bobona ko babatumye ibikorwa ariko ata bikoresho bikwiye babahaye, bohakana kuja gukora iyo mirimo. Avuga ko umuntu yohitamwo kuba mu gisagara kitagira amatara,hako aba mu gisagara kirimwo amatara ariko ahitana ubuzima bw’abantu.

David Ningaza arangiza ameneyesha ko ishirahamwe ritanga umuyagankuba n’amazi REGIDESO ritegerezwa gutanga indishi y’akababaro ku miryango yabuze abayo,bivuye ku ntsinga za REGIDESO zidafutse.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.