Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika risaba amatohoza ku barundi biciwe i (...)
Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika risaba amatohoza ku barundi biciwe i Kamanyola
mardi 19 Nyakanga 2017
Mw’itangazo Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika ryasohoye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 18 Nyakanga 2017,umukuru w’Inama y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika asaba kandi ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR gutanguza amatohoza kugira bamenye icatumye haba ubwo bwicanyi, kugira abagirwa bashikirizwe imbere y’ubutungane.
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho impunzi HCR rimenyesha ko naryo ryababajwe n’ubwicanyi bw’abarundi barenga 30 bapfuye mu gihe bariko basaba ubuhungiro, rigasaba naryo k haba amatohoza kuri ubwo bwicanyi.
Kuwa gatanu igenekerezo rya 15 Nyakanga 2017 , abarundi 37 barapfuye barashwe n’abasirikare ba Kongo, amakuru yavuzwe muri ico gihe yamenyesha ko barashwe mu gihe bari bagiye gusaba ko bagenzi babo bari bahagaritswe n’abajejwe umutekano barekurwa.
- Moussa Faki Mahamat, arongoye Inama y’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika
Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire Alain Aime NYAMITWE yasavye nawe ko hoba amatohoza kuri ubwo bwicanyi, ariko umushikiranganji wa Kongo ajejwe kumenyesha amakuru Lambert Mende yavuze ko abishwe atari impunzi.
MUGISHA Van Naris
Messages
20 Nyakanga 2017, 08:11, par Hicuburundi
Gutera bureau ya ONU i Buja, kwica impunzi zidafise ibirwanisho muri Congo ibi vyose vyiyongereye ku vyaha CNDD-FDD n’Imbonerakure ziriko ziragira,CPI munyaragase mudufatire ibi binywamaraso binatinya kuja mu nama za ONU i New York Kubera ko zizi amabi zakoreye Abarundi